IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Elly’s Boy > Amasanamu > Mw’isanamu nshasha, Elly’s Boy ahanura mugenzi areke kuyinga kubera umukobwa (...)

Mw’isanamu nshasha, Elly’s Boy ahanura mugenzi areke kuyinga kubera umukobwa yamuhevye

samedi 27 Nyakanga 2014

Umuririmvyi Elly’s Boy yasohoye isanamu y’ururirimbo BIZOZA yakoreye mu gihugu ca Tanzaniya. Uwo muririmvyi ahanura mugenziwe ko yokwihanganira ivyamushikiye kuko imbere y’ivyago ubuzima bubandanya.

Isanamu y’ururirimbo "BIZOZA" ibonekamwo Elly’s n’isuka ku rutugu avuye kurima, yagenda abwira mugenziwe Baju ko yoreka kwiyumvira cane umukobwa yamuhevye, akabura urukundo iyo rwagiye. Umuhungu agiye kuyinga Elly’s Boy akamuremesha mu majambo y’ururirimbo ati : "imbere yawe hari vyinshi bizoza".

Mwomenya ko umuririmvyi Elly’s Boy yahora mu gihugu ca Tanzaniya aho yaciye agirana umugambi wo gukorana indirimbo n’amasanamu yazo n’umuririmvyi Baju aba mu gihugu ca Australiya ariko avuka muri Tanzaniya.

Aha munsi ni isanamu y’ururirimbo rushasha "BIZOZA" yakorewe mu gihugu ca Tanzaniya


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Mbaze ikibazo ,mbega ko John B aguma atangaza ko Black Arthur yiyitirira ama videos John b yakoze ivyo navyo nibiki?? Ntawombwira ivyarivyoo? John B ama video amaze gukora meza wenyene asumba aya Black Arthur ntawonyanyereka svp??? Izi Clip «Agacerere » ya Sat B https://www.youtube.com/watch?v=n5Aq7a77f6c hamwe niyi« BIZOZA by BAJU and ELL’s BOY» https://www.youtube.com/watch?v=-ObSaiGyA0E Black arthur ahejej gusohora ,ko mbona zikozwe kugwego go hejuru none John B yasubiriye gufasha Black Artur ? Nukuri uwoba azi ivyarivyo ampe umuco murakoze

  • Mbaze ikibazo ,mbega ko John B aguma atangaza ko Black Arthur yiyitirira ama videos John b yakoze ivyo navyo nibiki?? Ntawombwira ivyarivyoo? John B ama video amaze gukora meza wenyene asumba aya Black Arthur ntawonyanyereka svp??? Izi Clip «Agacerere » ya Sat B https://www.youtube.com/watch?v=n5Aq7a77f6c hamwe niyi« BIZOZA by BAJU and ELL’s BOY» https://www.youtube.com/watch?v=-ObSaiGyA0E Black arthur ahejej gusohora ,ko mbona zikozwe kugwego go hejuru none John B yasubiriye gufasha Black Artur ? Nukuri uwoba azi ivyarivyo ampe umuco murakoze ariko iconzi co nuko Black Arthur aheruka i Tanzania gukora ayo masanamu

  • Mupfasono Edou ico nzi co ayo ma Video yose uvuze uko ari abiri«Agacerere na Bizoza » yakozwe na Black Arthur turabifitiye ivyemezo urunva rero amakenga yawe sukuvuga ko ataho ahagaze

  • bt ndiolidia ndahojeje uwomuririnvyi baju nkabanifadikanijenabage nzibiweku hoza icombonanuko worekakubabarawoba ndanya akazikuko iyumayumubabaro haza umunez ro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.