IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Olga > Olga aremera ko haburana babiri hagatsinda umwe

Olga aremera ko haburana babiri hagatsinda umwe

mercredi 18 Nyakanga 2013

Ntaganzwa Olga yari mu baririmvyi batandatu bashitse mu gice ca nyuma c’ihiganwa rya Primusic 2013. Iryo higanwa ryararangiye atahukanye ikibanza ca gatanu muri 6 bari basigaye. N’aho yari yizeye ikibanza c’imbere ntiyakironka, arashimira abari bamutoye kandi akibutsa ko haburana babiri hagatsinda umwe.

Olga aganira na IGIHE yagize ati : "Sinanezerejwe n’ikibanza naronse. Singomvye kuvuga ko hari umuntu n’umwe natayeko amakosa, ariko nzi ko mw’ihiganwa haburana babiri hagatsinda umwe”.

Yabandanije avuga ko n’aho vyagenze gutyo, arashimira cane Brarudi yazanye Primusic kuko abona ko hari vyinshi yungutse kubera iryo higanwa. "Ndavye inyigisho twahawe n’umuhinga Denyse Goldon ava muri Amerika, n’ukuri n’aho atakindi wohembwa ugatahana ubwo bumenyi vyoba bikwiye. Kubw’izo nyigisho nahawe, ubu ndazi kuririmba ndinganije ijwi ryanje, n’amasoni nagira ndi imbere y’abo ndirimbira yaraheze. Naramenye ico umuntu yokora kugira abandanye agira ijwi ryiza."

Olga yaboneyeho akanya ko gusaba abajejwe gutunganya iryo higanwa rya Primusic ko mubagize umurwi ujejwe ubuhinga boza barashiramwo n’abanyamahanga kugira bigabanye imyidogo ya bamwe bamwe bashobora kwiyumvira ukundi, canke bakiyumvira ko habayemwo nkunzi mu gutanga amanota.

Yarangije ashimira cane abakunzi biwe bamugiriye icizere bakamuha amajwi yabo, kandi aranashimira abamenyeshamakuru kuko bari mubagira uruhara rukomeye mu kumenyekanisha aho ibikorwa vy’iryo higanwa bigeze.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.