Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Indirimbo > Steven Sogo ati:" Teshwa have, bisa abandi"
Steven Sogo ati:" Teshwa have, bisa abandi"
mardi 5 Rusama 2015
Steven Sogo yasohoye ururirimbo yiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ati:" Democratie ntuvane nayo, nturambirwe ngo ushire hasi". Arongera ati:"Teshwa have, bisa abandi".

Nk’uko abantu batandukanye bariko berekana aho bahagaze ku bijanye no kwitoza kwa Petero Nkurunziza, n’abaririmvyi ntibasigaye inyuma, Steven Sogo aririmba avuga ati:" Democrasi twayironse turushe, ubuzima bw’abantu bwarahatikiriye, ni co gituma tudashobora kwihangana ngo tube abaja b’umuntu umwe canke akarwi, tuve hasi twese tuvuge tuti nooon ku kiringo ca gatatu ncuti ntigishoboka, turi maso. Teshwa have, bisa abandi". Umuririmvyi Steven Sogo aritabiriza avuga ati:" Democrasi ntuvane nayo mama, nturekure, ntuyishire hasi".
Ayo ni amwe mu majambo ari mu ruririmbo Steven Sogo azwi kandi kw’izina rya Sogotolo yise "Democracy". Uwo rero amaze igihe kitari gito muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika.
Cherif Nkeshimana
Messages
5 Rusama 2015, 15:17, par NDENDE
ramba
5 Rusama 2015, 21:21, par Ivyabarundi?
Ahubwo amaze igihe kitari gito mw ijuru?
6 Rusama 2015, 09:14, par Elisha
Mbega Ninde Atohagararira Demokarasi Atari Umuja?