IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Samantha > Inkuru > Uko iminsi ihera umuririmvyikazi Samantha arushiriza gutera (...)

Uko iminsi ihera umuririmvyikazi Samantha arushiriza gutera imbere

mardi 2 Ndamukiza 2013

Samantha ni umuririmvyikazi w’umurundi, uwo akaba ari umwigeme w’imyaka 21 yatanguye kuririmba akiri umwana muto w’imyaka 12 , yatanguye atabiha inguvu cane kuko yarakiri umunyeshure.

Yagiye kuvyinjiramwo cane mu mwaka wa 2010 aho yatanguye akorana indirimbo n’imirwi n’abaririmvyi batandukanye nk’umurwi wa Peace and Love.

JPEG - 10.2 ko

Yagiye kumenyekana nk’umwe mu baririmvyi b’abahinga mu Burundi mu mwaka wa 2012 aho yatoranijwe hamwe na mugenzi wiwe Big Joe guserukira igihugu c’uburundi mw’ihiganwa rya Tusker projects Fame5 aho kandi yarerekanye ubuhinga kuko yashitse mu gice ca 1/2 ciryo higanwa.

Samantha kandi umwaka uheze yaritavye ihiganwa rya Primusic aho naho yaragaragaje ubuhinga kuko yabaye uwa kabiri mw’ihiganwa inyuma ya mugenzi wiwe Rally-joe yatwaye ikibanza ca mbere .

Samantha avuga ko ivyo vyose abishikako yamara akaba ata n’indirimbo ziwe nyinshi yari yarashize ahabona kuko ubu ngo aramaze gukora indirimbo zibiri zasohotse n’izindi zibiri ziri ku bahinyanyuzi.

Yongera avuga ko hari inzu ikora umuziki imwe yo mu gihugu ca Uganda ishaka ko bagirana amasezerano bakamufasha ariko ngo ntavyinshi yobivugako ubu kuko bashaka ko bagirana amasezerano y’imyaka itanu ariko kuri we ngo ni myinshi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.