IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Terry West > Amasanamu > Umukobwa ari mw’isanamu ya Terry West yambaye nk’umumaraya asabwa (...)

Umukobwa ari mw’isanamu ya Terry West yambaye nk’umumaraya asabwa guhinduka

samedi 13 Nyakanga 2014

Terry West yashize ahabona isanamu yari imaze iminsi ivugwa ko igiye gusohoka ariko amaso agahera mu nzira. Terry yashatse kwerekana umukobwa yataye inzira aja mu bumaraya, uwo rero asabwa guhinduka.

Isanamu y’ururirimbo "Hindura" yakorewe muri "Ikoh Multiservice" n’umuhinyanyuzi Guera Man. Amwe mu mashusho (photos) yafatiwe mu Gatumba, ayandi nayo muri Ikoh Multiservice. Amajwi (audio) yakorewe muri "Golden Records", akorwa n’umuhinyanyuzi Rubanza Jay.

Mw’isanamu irimwo abaririmvyi bo mu murwi "Indimu" n’umukobwa baterekana mu maso, ari nawe Terry West asaba guhinduka agaheba ubumaraya. Uwo mukobwa bamwerekana yambaye agakanzu kagufi cane, bigasigura ko ari umumaraya.

Umviriza wongere wirabire isanamu y’ururirimbo "Hindura"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.