IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Patient Matabaro > Inkuru > Umuririmvyi Patient Matabaro abonako hari ivyo kosorwa kubatanga amanota (...)

Umuririmvyi Patient Matabaro abonako hari ivyo kosorwa kubatanga amanota muri Primusic

vendredi 22 Myandagaro 2014

Patient Matabaro aherutse gutwara agashimwe k’ihiganwa Primusic umwaka w’i 2013, arashima uko ihiganwa ritegurwa kandi arabona ibintu bimwe bimwe vyohinyanyurwa ku ruhande rw’abatanga amanota. Amanota angana ibice 30% ava mu bakunzi b’abaririmvyi, Matabaro abona ko yoguma uko, kandi yaragabanijwe kare yari ki bice 50%.

Mu gihe hasigaye indwi imwe ngo haboneke umuririmvyi agira 3 atwaye agashimwe gatangwa n’ishirahamwe Brarudi biciye mw’ihiganwa Primusic, Patient Matabaro yatwaye ico kibanza ca mbere mu mwaka uheze, abona ko hari ibintu vyohinyanyurwa ku ruhande rw’abatanga amanota (jury).

Mu kiganiro n’ikinyamakuru www.igihe.bi, Patient abona ko iryo higanwa ritanga akaryo keza kuri uwo wese yiyumvamwo impano zo kuririmba, ndetse uwavyutse neza akaharonkera uburyo bwo kwitunga. Naho biri uko, uwo muririmvyi abonako abatanga amanota boreka gukosorera umuririmvyi imbere y’abanyagihugu bariko barumviriza uko aririmba. Ahubwo bokwandika ku rupapuro udukosa yoba yagize canke bakamwereka mw’ibanga ivyo yohindura. Patient abona ko gukosorera umuririmvyi ku ruhimbi( Podium) bishobora kumuca intege narirya benshi aba ari ubwa mbere baririmvye imbere y’abantu isinzi.

Kubijanye n’amanota aharurwa mu bice 30% ava mu majwi umuririmvyi ahabwa n’abakunzi biwe, birakwiye ku bwa Matabaro. Uwo muririmvyi ati:" Vyari bigoye mu myaka yahera aho amajwi yaharurwa mu bice 50%, ariko ubu biriroshe kubera ibice 70% bitangirwa ku ruhimbi, ku mugaragaro. N’umuririmvyi arakeneye kumenya ko igikorwa arimwo kitoroshe agaheza akarondera ayo majwi, aranabona ikibanza afise mu muziki".

Tubibutseko Patient Matabaro yatwaye agashimwe k’imiriyoni 15.000.000 z’amarundi mw’ihiganwa Primusic umwaka w’i 2013. Kw’igenekerezo rya 30 myandagaro ariho hazomenyekana umuririmvyi azogira uwa gatatu (3) atwaye ako gashimwe ka Brarudi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.