IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Terry West > Inkuru > Umuririmvyi Terry West arahanura abakobwa bafise ingeso mbi

Umuririmvyi Terry West arahanura abakobwa bafise ingeso mbi

mercredi 18 Ruheshi 2014

Umuririmvyi Terry West ariko ategura guheza isanamu y’ururirimbo "Hindura", inyuma yaryo, uwo muririmvyi ariko ategura ingendo zitari nke zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Isanamu y’ururirimbo "Hindura" iriko ikorerwa muri "Ikoh Multiservice" n’umuhinyanyuzi Geraman. Amwe mu mashusho (photo) yafatiwe mu Gatumba ayandi nayo muri Ikoh Multiservice. Amajwi (audio) yakorewe muri "Golden Records", akorwa n’umuhinyanyuzi Rubanza Jay. Ururirimbo rwakozwe na Uncle Crazzy ari kumwe na Terry West.

Nk’uko Terry West abitubwira, urwo ruririmbo rufise ubutumwa bwo gukebura bafatiye ku mukobwa yadukanye ingeso mbi z’ubuhumbu kandi atazo yahorana. Terry ati : "Twavuze uwo mukobwa ariko twashatse gukebura abakobwa bose muri rusangi boba bafise ingeso mbi".

Ahejeje igikorwa c’isanamu y’urwo ruririmbo, Terry West afise urugendo mu gihugu c’Urwanda mu kwezi kwa Mukakaro, mu nyuma ace aja mu Buganda kubonana n’umuhinyanyuzi karuhariwe Washington.

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo "Ni beza" rwa Terry West na Aimable Tayaya


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.