Amwe mu mafoto y’amaziko y’umuvyeyi wa Emery Sun

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 13 juillet 2017 saa 12:29
Yasomwe : 8091
0 0

Ubuyobozi bwa Ikoh Multiservice burashimira abantu batandukanye bitanze kugira Ndayiziga Joseph, umuvyeyi w’umuririmvyi Emery Sun ashinguranwe iteka. Bamwe mu baririmvyi bari bishikiye gushigikira mugenzi wabo.

Ikoriciza Haruna arongoye Ikoh Multiservice yashimiye abantu batandukanye bitavye ico gikorwa, agashima umutima w’urukundo berekanye. Abaririmvyi nka Peace and Love, Mirror Team, Memba, n’abandi bahinyajyuzi batandukanye nabo nyene bari bishikiye ku Mpanda, aho Joseph Ndayiziga, se wa Emery Sun yashinguwe kuri uwu wa gatatu.

Ntitwibagiye abaririmvyi Double Jay na Franck Duniano basanzwe bari kumwe na Emery Sun mu gikorwa "U’ll loves Changes" ca Ikoh Multiservice.

Tubibutse ko ko Ndayiziga Joseph, umuvyeyi wa Emery Sun yitavye Imana kw’igenekerezo rya 08 Mukakaro, ku bitaro vya Roi Khaled.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha