IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > B-Face On The’flo > Inkuru > B Face avuga ko ata ngorane afitaniye n’abakora indirimbo zihayagiza Imana (...)

B Face avuga ko ata ngorane afitaniye n’abakora indirimbo zihayagiza Imana mu mudiho wa Rap

mardi 13 février 2018

Mu ruririmbo « hitamwo », B-Face yaravuzemwo abaririmvyi batari bake nka Big Zoé, Prince Mshindi,G N ku majambo bakunze gukoresha mu ndirimbo basanzwe bakora, canke inyifato zabo, ku bwiwe akabona ko ataho bihuriye n’uko umuntu asenga Imana yategerejwe kumera, akavuga ko bakwiye kureka gukoresha amajambo « atabereye » mu ndirimbo z’Imana.

B- Face ati :« Hindura canke uvemwo. »

Ku boba biyumvira ko hari ingorane canke ukutumvikana hagati ya B Face n’abaririmba indirimbo zihayagiza Imana bakoresheje Rap, B-Face avuga ko ata kibazo na kimwe kiri hagati yiwe n’abo, akamenyesha ko yasohoye ivyiyumviro vyiwe, kandi abantu benshi basanzwe banegura.

Umuririmvyi B-Face avuga ko abo yavuze mu ndirimbo mu bose ari abagenzi, kandi akabona ko ata ngaruka mbi zizoba hagati y’abo.

Umviriza indirimbo ’’Hitamwo’’ ya B-Face :


BUKURU Pacifique

Messages

  • Poa Poa B Face Bahe Narinababwiye barank ngir weho bokwumvir poa man

  • Andika hano b face komeracane ndagushigikiye kora banajaribu kugusoma arakini ahusomeki wekomera urasohora akarikumutima kagasesekara kumunwa ivyo uvuga nivyo ndagushigikiye komera.kandindandasavye bareke kukwiyumvira URISHEFU WALAP NAKUBARI

  • Andika hano jewe ndumufana kubaririvyi babarundi.b face ivyiyumvirovyiwe ndabifa akora ikintukumwanya atakujaganya.nivyizacane jndabishimacane.b face nkagumandamutera intege.nkasaba imana izofashe ndapurenkawe.76105575

  • B Face Ni Umuririmvyi Mwiza Mumudiho Mwiza Cane Tumuri Inyuma

  • B face komera kur rap inzir niyo komerezaho hip p urayishoboy sana ntukekeranya .nasema big up sana

  • B Face On The Flo Best Rapper.Big up mazee ntawuja inyuma kuko we tumubwirwa na vina.respect bro turinyuma yawe your fans.

  • Ee Manje Gushimira Uwo Muhanzi B-face Kukungene Aguma Aduha Indirimbo Ziri Mwibanga Ya #hip_Hop Nkab Kand Mboneyeho Nakaryo Ko Kumukeza Kundirimbo Nshasha Aherutse Ziswe Nka #hitamwo, #impamvu Hamwe Na #ibiri_Kumutima_5 Nkab Nasaba Imana Rugra Vyose Ko Yomuja Imbere Kuruwo Mudiho Wa Hip Hop Akaguma Ari Imbere Muba #rappeur Bose Biburundi. Murakoze Imana Imurinde Nakare Basokuru Barayamaze Ngo:abagabo Batangana Ntibisigira Hamwe Kandi Ngo:agafuni K’imboro Kabagara Umujojo W’umutuba Yari Allan Kiss Mtoto Wa Ngozi,tangara,nyagatovu,rukongwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.