IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > B-Face On The’flo > Inkuru > Umuririmvyi B-Face yatoye zimwe mu ndirimbo ziwe zigiye gukorerwa (...)

Umuririmvyi B-Face yatoye zimwe mu ndirimbo ziwe zigiye gukorerwa amasanamu

jeudi 16 Gitugutu 2014

Umuririmvyi B-Face amaze kubona indirimbo ziri mu majwi "Audios" zibaye nyinshi, yigiriye inama yo gutanguza isekeza ryo kuzikorera amasanamu. Zibiri za mbere yahisemwo mu zindi zigiye gushirwa mu minwe y’abahinyanyuzi karuhariwe b’amasanamu.

Umuririmvyi B-Face On The'flo

B- Face ashaka ko isanamu ya mbere y’ururirimbo "Like This" yoyikora na Black G bamwe bazi kw’izina rya Africano. Iyo ashaka ko izokorwa n’abahinyanyuzi bakorera mu kibiri aribo Fleury Pro, Cherif Pro, na Johnny B. Ico gikorwa kirangiye, B Face avuga ko hazoca hakorwa isanamu y’ururirimbo yise "Ivyo wigira n’ibiki" yaririmbanye na Chany Queen.

Mwomenya ko uwo muririmvyi w’umudiho wa "Rap" gushika ubu afise isanamu y’ururirimbo rumwe "Hip Hop is my Style". Uwo n’abandi basangiye umudiho wa "Rap" biyemeje kurwana mpaka uwo mudiho ashitse ku rugero rw’iyindi midiho. Ikindi n’uko ari mw’ihiganwa "ku mwanya freestyle" rihuza abaririmvyi ba Rap bo mu ma komine y’igisagara ca Bujumbura, ihiganwa rigeze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Raba isanamu y’ururirimbo" Hiphop is my Style" rwa B Face


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.