IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi mu makungu > Ahagaritse ibikorwa vyiwe kugira yiteho umugabo wiwe

Ahagaritse ibikorwa vyiwe kugira yiteho umugabo wiwe

jeudi 14 Myandagaro 2014

Umuririmvyikazi Celine Dion ahejeje gutangaza ko ahagaritse ibikorwa vyiwe vyose kugira yiteho abana biwe ghamwe n’umugabo wiwe aherutse kubarwa. Asaba imbabazi abakunzi biwe ku biteramo bitandukanye yari yateguye. Iyo nkuru ije ibeshuza iyigeze kuvugwa ko Celine Dion agira yahukane.

Ku rubuga rwa facebook rwa Celine Dion handitsweko ibi bikwirikira:" Inyuma yo gufata agacerere akabaza umutima n’ubwenge, Celine Dion yafashe ingingo yo guhagarika ibikorwa vyose vyiwe mu kiringo kitaramenyekana. Imvo nyamukuru ni kwegera umugabo wiwe amwiteho 100% hamwe n’abana biwe batatu".

JPEG - 33.1 ko
Rene angelil, Celine Dion n’abana biwe

Iyo ngingo ije mu gihe umugabo wiwe Rene Angelil w’imyaka 72, aherutse kubarwa ikivyimba c’indwara ya Cancer. Celine Dion arongera ati:" Harageze ko negera umugabo wanje Rene Angelil n’abana banje, iy’ingingo nafashe ndazi ko ibabaza abatari bake ariko bambabarire". Eka na wenyene ntiyari bwakire neza udutsi dutwara amajwi yarwaye kuva muri Mukakaro. Uwo muririmvyikazi avuga ibiteramo yogirishije i Caesars Palace i Las Vegas no muri Asiya.

Tubibutseko higeze kuvugwa ko Celine Dion agira yahukane na Rene Angelil arongorwe n’uwitwa Abibi Sheik, umuganwa w’umugwizatunga wo muri Arabiya Saoudite. Ayo makuru yatangwa na Jean-Pierre Ferland umuririmvyi aturuka muri Quebec, hari mu kw’igenekerezo rya 11 Munyonyo 2013.

Umuviriza ururirimbo "Power of Love" bisigura " Inguvu z’urukundo" ya Celine Dion


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.