IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Abaririmvyi mu makungu > Umukobwa wa R Kelly ashaka abaganga bomufasha akaba umuhungu

Umukobwa wa R Kelly ashaka abaganga bomufasha akaba umuhungu

mercredi 11 Ruheshi 2014

Umukobwa w’umuririmvyi R. Kelly arahana ko atari umukobwa, wewe yiyita umuhungu kandi ashaka kurondera n’abaganga bomufasha kuba umuhungu bwite. Izina yaramaze kurihindura, eka na nyina wiwe aramushigikiye.

JPEG - 66 ko
Jaya yahindutse izina yiyita Jay

Se na nyina bamwise Jaya ariko yaramaze guhindura izina yiyita Jay, afise imyaka 13. Uwo mukobwa wa R Kelly na Andrea yanditse ku muhora wa Instagram ko nyina Andrea yamaze kubimwemerera. Nyina yamubwiye ati : "Mwananje urazi ko ndagukunda akadasohoka, uzokora ico ushaka, ushatse uzoja mu bahuza ibitsina babisangiye, canke ico ushaka cose, jewe nzoguma ndagukunda."
Uwo mukobwa nawe amwishura ati : "Jewe ndazi ko ndi umuhungu, hasigaye ko ndondera abaganga bakamfasha kwibera umuhungu burundu."

Ikinyamakuru In Touch Weekly, kimenyesha ko R Kelly yahukanye na Andrea, akaba atakimenya amakuru y’abana biwe, n’ivyo umukobwa wiwe ariko aragira avyumva co kimwe n’abandi. Jay rero ni umwana umwe mu bana 3 b’umuririmvyi R Kelly


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Jewe ico niyumvira kuriyi nkuru sikindi none uyu mukobwa ko Imana yamuremye arumukobwa bizoshoboka gute ko aba umuhungu? Mbega hoho harahari abaganga bajejwe guhindura ic’Imana yaremye? Jewe niyumvirako bitabaho.

  • Jewe Nibaza Ko Uwo Mukobwa Ari Cabahungu. Nibagerageze Abo Baganga Turabe Ico Bomufasha.

  • Njyewe Ibyo Mbifata Nga Byenda Gusetsa Kuko Guhinduka Byo Ni Nk’inzozi

  • Ako gakobwa nako ni agasetsa! Niyihere iryinyo sha ni uko yifitiye ayera. Basogokuru bati ingumba itazi ikibi irigata ishenyo, yibaza ko kuba umuhungu ari isose. Ni uko ari umwana nyene, ahandi ho yari agumbashe ataranura. Niyakura azogaya vyose ahereye kubamwibarutse ataco bariko baramufasha. Nahora ngira ngo R Kelley aranyaye none wapi, avyara aterera hirya nk’udukoko tumwetumwe. Kumuntu yiyubaha, kwahukana ntibisigura kutamenya iyo abana bageze.

    None ko yumva ari umuhungu arafise ivyemezo, abishire ahabona turabe! Mugabo rero hari aho wosanga yavutse ari umuhungu bakabinyegeza.Ahubwo ngira niyo ntandaro yo kwahukana kwa nyina na se, usanga bari banyegeje vyinshi birabahamburukana. Uko bigenda kwose, imvo n’imvano iri kubavyeyi nayo uwo mwana arera. Kandi iyo ni intango, akataraza kari munyuma.

  • Abo bose batavyemera bamenye ko bibaho n’aho atar vyiza hama uyo mwna ikosa si rwiwe nik yavuts ,muramaze kubona abahung bavuk bifata nk’abakobw,uko batambuka,abo bagendana,imvugo,etc...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.