Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Amafoto y’ururirimbo yerekana Kook k na Chany Queen bameze nk’abakundana
Amafoto y’ururirimbo yerekana Kook k na Chany Queen bameze nk’abakundana
samedi 31 Rusama 2014
Ururirimbo "How Much I Love U" rwa Chany Queen na Kook-k ruriko ruratera intambwe y’ukuja k’urutonde rwa "You Tube"kuko isanamu yarwo iriko irakorwa. Intangamarara y’amashusho yamaze gusohoka. Mwibuke ko urwo ruririmbo rwateye ibibazo, kuko rwari ruteye amakenga.

"How Much I Love U". Intambwe y’amajwi yarangiye kera kuko ururirimbo rwaramaze gusohoka, hasigaye gushira ahabona isanamu kuko yitezwe na benshi. Umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi Kook-k niwe ariko akora amasanamu yayo kandi ni nawe yayiririmvye afadikanije na Chany Queen. Amashusho ya mbere yaramaze gusohoka. Amashusho amwe yafatiwe kuri Bora Bora, ayandi mu nzu y’ingezi "Bel Air". Muri ayo mashusho na Thity Love umukunzi wa Kook arabonekamwo naho mu ruririmbo afatwa nk’uko badakundanye.
Tubibutseko iyo ndirimbo yateye ibibazo vyinshi, kuko hari abatahura insiguro yarwo. Ubwa mbere vyumvikanako ko Kook-k yemeje urukundo yoba akundana na Chany, kandi bizwi neza ko uwo wanyuma akundanye n’umuririmvyi R Flow, Kook-k nawe ari akadasohoka na Thity Love. "How Much I Love u"hagati ya Kook-k na Chany Queen.
Twarababwiyeko amajambo ari mu ruririmbo ata kuri kurimwo nk’uko Kook yabidusiguriye, avuga ko ari amajambo ari mu ruririmbo gusa.
Raba rero aha munsi amashusho amaze kuja ahabona







Raba aha munsi agace k’isanamu "Video" kamaze kuja ahabona
Cherif Nkeshimana
Messages
2 Nyakanga 2016, 23:43, par GIHUHUSI PRO
chany ivyariko akora sivyo kuvana na lolilo ubunaho bagomba bavane na a flow vyobabaza abantu beshi mugenzi wanj a flow tuzoronka uwumuruta
27 Myandagaro 2017, 22:14, par MUSA
DEBENE TURASHAKA KOYOZA GUKORESHA IGITERA MOMUBURUNDI