IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Amafoto y’ururirimbo yerekana Kook k na Chany Queen bameze nk’abakundana

Amafoto y’ururirimbo yerekana Kook k na Chany Queen bameze nk’abakundana

samedi 31 Rusama 2014

Ururirimbo "How Much I Love U" rwa Chany Queen na Kook-k ruriko ruratera intambwe y’ukuja k’urutonde rwa "You Tube"kuko isanamu yarwo iriko irakorwa. Intangamarara y’amashusho yamaze gusohoka. Mwibuke ko urwo ruririmbo rwateye ibibazo, kuko rwari ruteye amakenga.

"How Much I Love U". Intambwe y’amajwi yarangiye kera kuko ururirimbo rwaramaze gusohoka, hasigaye gushira ahabona isanamu kuko yitezwe na benshi. Umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi Kook-k niwe ariko akora amasanamu yayo kandi ni nawe yayiririmvye afadikanije na Chany Queen. Amashusho ya mbere yaramaze gusohoka. Amashusho amwe yafatiwe kuri Bora Bora, ayandi mu nzu y’ingezi "Bel Air". Muri ayo mashusho na Thity Love umukunzi wa Kook arabonekamwo naho mu ruririmbo afatwa nk’uko badakundanye.

Tubibutseko iyo ndirimbo yateye ibibazo vyinshi, kuko hari abatahura insiguro yarwo. Ubwa mbere vyumvikanako ko Kook-k yemeje urukundo yoba akundana na Chany, kandi bizwi neza ko uwo wanyuma akundanye n’umuririmvyi R Flow, Kook-k nawe ari akadasohoka na Thity Love. "How Much I Love u"hagati ya Kook-k na Chany Queen.

Twarababwiyeko amajambo ari mu ruririmbo ata kuri kurimwo nk’uko Kook yabidusiguriye, avuga ko ari amajambo ari mu ruririmbo gusa.

Raba rero aha munsi amashusho amaze kuja ahabona

Raba aha munsi agace k’isanamu "Video" kamaze kuja ahabona


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.