Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chanelle > inkuru > Chany Queen yerekanye ibintu 3 atahora akora mu buzima bwiwe
Chany Queen yerekanye ibintu 3 atahora akora mu buzima bwiwe
lundi 9 Ntwarante 2015
Umuririmvyikazi Chanelle canke Chany Queen yaraye yerekanye ibintu bitatu atahora akunda gukora kamere kiwe: kuririmba "live",no kwambara impuzu zikora ku birenge, hamwe no kwigendana atari kumwe na R Flow.

Chany ati:"sinari bwaririmbe muri "live" ariko ico nabonye ni uko biryoshe". Chany Queen arashima akaryo keza yaronse ko kwubahuka kuririmba muri ubwo buryo bushasha. Chanelle ahejeje kuririmba twamubajije ko yoshobora kubandanya muri "Live", ati:"jewe nabonye ndabishoboye sinzi nk’abarorerezi". Chany avugako intango ya vyose yo kwimenyereza kuririmba muri ’live" ari isabukuru y’umukenyezi yarahejeje kuririmbamwo ku butumire bwa Natacha kuri Club du Lac Tanganyika. Ati:"Natacha akimpamagara yansavye ko ntegerezwa kuririmba muri "live", nanje ndagamburuka".
Chany Queen yaserutse kuri "stage" yambaye ikanzu ishonye mu gitenge ndende gushika naho ipfuka ibirenge, benshi baratangaye kuko ntibiri muri kamere kiwe. Chany Queen ati:"Uno munsi ni umunsi mukuru w’abakenzi nanje ndi umukenzi kuko ndafise umwana w’imyaka 10 nanje ndi umuvyeyi, nashatse gukenyera kuko nanje ndi umukenyezi nk’abandi. Ariko rero iyo kanzu irafise akantu gacafye mu mutima kerekana amabere.

Yemeza ko agiye guhora yambara impuzu ndende kubera yabonye ko aberewe n’abandi bakabimubwira, cane cane mu biteramo nk’ivyo, ati:" Igikembwe k’umugore ni nka costume ku mushingantahe".
Ikindi n’uko Chany Queen atamenyerewe kuboneka atari kumwe n’uwo bakundanye R Flow, ati:"Uyu si umunsi w’abakundana ari ni uw’abavyeyi, ahubwo noba kumwe n’umuvyeyi wanje".
Abakunzi ba Chany Queen bitege vuba indirimbo nshasha ariko ategura hamwe n’urukuriirane rwiwe rwa mbere, avuga ko ruzoba rugizwe n’indirimbo 6 harimwo izitwa "Mukenyezi, na Nzokwama ndagukunda".
- Impuzu Chany Queen yambara mu bindi biteramo ziba zigera hejuru y’amavi
Umviriza "what’s my name" Fizzo na Chany Queen
Cherif Nkeshimana
Messages
10 Ntwarante 2015, 16:44, par Jean Claude Niyonkuru
None aho ga Queen, ntiwoca uhagarika burundu kwambara utwotuntu dutuma abavyeyi bamaramara najewe ndakuravye bintera ubwoba kuk kugenda urigusa ntibinezerez’Imana.Fat’ingingo mumutima ucire urubanz’icaha,n’igihe cawe c’amahitamwo.
15 Mukakaro 2015, 10:09, par Therence Thery Bellyn Sabbat
Nukuri Nivyiza Kwiyubaha Arik Abaririmvyi Kwisi Yose Umenga Amaze Kumenyekana Abageze Ko Bamumenya Ukwari Kwose Chanelle Ndamukeje Vrema Nabandanye Uko Turamukunda Tumuteye Intege
15 Mukakaro 2015, 15:38, par Eric Tuyishemeze
Ivyo bibaho ko umuntu ashobra guhindura ivyo yahora akora cank yambara nkuko uwakunda ivyirabura ashobra gtora ivyera.rero vyiza reka turabe icagiye gusokorora mwiyo nyifato
15 Mukakaro 2015, 15:39, par Eric Tuyishemeze
Ivyo bibaho ko umuntu ashobra guhindura ivyo yahora akora cank yambara nkuko uwakunda ivyirabura ashobra gtora ivyera.rero vyiza reka turabe icagiye gusokorora mwiyo nyifato
15 Mukakaro 2015, 15:40, par Eric Tuyishemeze
Ivyo bibaho ko umuntu ashobra guhindura ivyo yahora akora cank yambara nkuko uwakunda ivyirabura ashobra gtora ivyera.rero vyiza reka turabe icagiye gusokorora mwiyo nyifato
26 Ruhuhuma 2016, 07:15, par kubwarugira isaac
nukuri bizoturyohera hamwe yoguma yambara uko
23 Ndamukiza 2016, 19:51, par Niyonkuru Jérôme
Mukomere Mukubera Abandi Akarorero, Imana Izobahembera Ico Mukora, Ibahezagirire Imirimo Yose.
10 Rusama 2016, 22:29, par Irankunda
Nivyz Kuk Kwambr Impz Ngf Harab Bihnor.Ubund Ndend Ipfk Intg N’amatk!Ark Arab Aba Str Ntiba Muherek!