IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Africanova > Amwe mu mafoto yafashwe mu gihe Africa Nova yariko atunganya (...)

Amwe mu mafoto yafashwe mu gihe Africa Nova yariko atunganya amasanamu

samedi 27 Ndamukiza 2013

Umuririmvyi Africa Nova mu minsi yari mu gihugu c’amavukiro yiwe c’Uburundi yarakoze amasanamu y’indirimbo zibiri imwe yitwa Sonsty( zana ndabe) iyindi nayo Bahaya. Izo ndirimbo akaba yarazikorewe n’umuhinyanyuzi amaze kumenyekana muri ico gikorwa, Cookey afise ubuhinyanyuzi bwitwa Golden Star entertaimment.

JPEG - 36.5 ko
Afrika Nova hamwe n’umugenzi wiwe

Izo ndirimbo bakaba barazikoreye ahantu hatandukanye harimwo ahitwa kuri Dominos, kuri Saga plage, kuri Hotel Belair Residence ndetse n’ahandi henshi.

Ikindi cagaragaye n’uko uwo muhinyanyuzi agerageza kuba afise ibikoresho vy’uwo murimo. Afrika Nova avuga ko akurikije ingene yabonye yitanga muri ico gikorwa, yizeye ko izo ndirimbo zizoba zikozwe neza ku buhinga bwa none.

JPEG - 55.8 ko
Umwe mubapfasoni baboneka muri izo ndirimbo

Mu gihe izo ndirimbo ziriko ziratunganwa, twaregeranije amwe mu mafoto yaranze itunganwa ry’amasanamu yazo, kandi izo ndirimbo, nk’uko uwo muhinyanyuzi yabitangaje, zirasohoka mu buhinyanyuzi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Ndamukiza umwaka w’2013.

JPEG - 61 ko
Umuhinyanyuzi koo-k ariko gufata amasanamu
JPEG - 35.3 ko
Afrika Nova
JPEG - 62.1 ko
Abahinyanyuzi bariko barafata amasanamu
JPEG - 33.7 ko
JPEG - 34.4 ko
Abantu batandukanye bazogaragara muri izo ndirimbo

Joel Sengurebe

Portfolio

Messages

  • I like this man he performed some good songs by then and they are still inspiring. The country should really recignize his contribution to the burundian culture and well off of the citizens. May God bless you Mr Africa Nova. woba warashitse mu gitaramuka?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.