Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Africanova > Umuririmvyi Africa Nova yifuza gusubira muri Canada
Umuririmvyi Africa Nova yifuza gusubira muri Canada
mercredi 24 Ndamukiza 2013
Inyuma y`ukwezi,umuririrmvyi Afrika Nova yaramaze mu gihugu ciwe c’u Burundi, bitegekanijwe ko kuri uyu wa gatandatu ariho azosubira mu gihugu ca Canada aho asigaye aba n’umuryango wiwe.Akaba yari yaje kuramutsa abakunzi n’abavandimwe no kwereka abarundi ko abaririmvyi bakera nabo nyene bibuka gukora ku murya w’inanga .
Mu minsi yaramaze ngaha mu Burundi,uyo muririmvyi yararanguye ibikorwa vyinshi ,aho yakoze ibiteramo bitatu nkuko yari yarabitangaje agishika hano mu gihugu c’u Burundi, mbere bikaba vyaritabwe n`abantu benshi bararyoherwa cane.
Afrika Nova yarakoze kandi ,amasanamu y’indirimbo zibiri, imwe yitwa “NIWE MPAYA” hamwe na “CONSTY ZANA NDABE”, ubu zikaba ziriko zirahinyanyugwa n’umuhinyanyuzi w’amasanamu waha i Burundi witwa “Cookey”.
Uyo muririmvyi avuga ko atagihindutse,yipfuza ko ku munsi wa gatandatu yosubira inyuma izo ndirimbo zarasohotse.
Vyaragaragaye rero ko uyo muririrmvyi afise abakunzi b’umuziki binerekana ko agishoboye gucuraranga kandi akaba agihagaze neza muvy`umuziki.
Joel Sengurebe