IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emelance Emy > indirimbo > Emelance Emy yashize ahabona ururirimbo rwa mbere yasubiyemwo

Emelance Emy yashize ahabona ururirimbo rwa mbere yasubiyemwo

jeudi 1er Nzero 2015

Umuririmvyikazi Emelance Emy yatanguye gushira ahabona indirimbo za mbere muri wa mugambi wiwe wo gusubiramwo indirimbo ziwe za kera. Yasohoye ururirimbo "Burundi Yetu".

JPEG - 28.5 ko
Emelance emy ari muri studio kwa Botchum

Emelance ati : "Ndiko nsubiramwo indirimbo zitanu nakoze ngitangura kuririmba. Ubuhinga butera buhinduka kandi vyiza abaririmvyi bojana n’ibihe. Indirimbo zikozwe ku buhinga bugezweho ziraryoha gusumba uko zahora". Emelance yahisemwo gutangura ururirimbo "Burundi Yetu". Naho biri uko, Emelance avuga ko azosubiramwo izo yumva zitakozwe neza. Umuhinyanyuzi Botchum niwe yahawe ico gikorwa co gusubiramwo indirimbo ziwe.

Emelance avuga ko ari ururirimbo rwa nyuma asohoye imbere y’uko umwaka w’2014 urangira kandi rwugurure umwaka buca utangura.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.