Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > Interview > Hasigaye umwanya muto umuririmvyi ab ’i Ngozi batumyeko abashikire
Hasigaye umwanya muto umuririmvyi ab ’i Ngozi batumyeko abashikire
jeudi 7 Myandagaro 2014
Umuririmvyi Rally Jo ariko aritegura afate urugendo rumushikana mu ntara ya Ngozi, yitavye ubutumire bw’abakunzi biwe. Agiye kumara iminsi ibiri agirisha ibiteramo Agiye abashiriye indirimbo nshasha. Uwo muririmvyi afise n’izindi ngendo hanze y’igihugu. .

Rally Jo agira afate imodoka imushikana mu ntara ya Ngozi, yitavye ubutumire bwa nyene ubunywero Bervedere aho ashaka ko yoja kuryohera abakunzi b’ubunywero bwiwe, n’abakunzi biwe bakamuboneraho. Ibiteramo bizobera aho kuri Bervedere neza na neza kuri "piscine", ni ku magenekerezo ya 08 na 09 Myandagaro. Rally Jo yashimye kujayo hakiri kare kugira agire imyimenyerezo n’umurwi uzomuvugiriza indirimbo ziwe kuko harimwo nshasha.
Indirimbo ziwe harimwo nshasha nka "Mbarira, Urukundo" n’izindi zizobica bicike. Isango rero rirashitse ku b’i Ngozi kuko umuririmvyi bipfuje arabashikiriye.
Mwomenyako uwo muririmvyi asanzwe yarafise urugendo rwomushikanye mu gihugu c’Urwanda, ariko yarindiriye ko ihiganwa Primusic rihere kuko arakenewe cane.
Umviriza wongere urabe isanamu isukuye y’ururirimbo "Mbariza"
bukera
Cherif nkeshimana