IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Emelance Emy > inkuru > Ikiganiro IGIHE yagiranye n’umuririmvyikazi Emelance Emy

Ikiganiro IGIHE yagiranye n’umuririmvyikazi Emelance Emy

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Umuririmvyikazi Emelance Emy aramaze kuririmba indirimbo zitarinke mbere akaba aherutse gutwara nan’agashimwe k’indirimbo , IGIHE yagiranye nawe ikiganiro , muti rero uwo mucuraranzikazi n’inde ? akora gute? afise imigambi yihe?

JPEG - 42.5 ko

IGIHE: Turabaramukije,ni amahoro ?

Emelance Emy: Ego ni amahoro

IGIHE: Turashobora kwidondorana tukamenyana ?

Emelance Emy: Nitwa Emelance Emy ariko amazina yose ni Niwizere Emelance
Emy.

IGIHE: Emelance Emy yavukiye he?

Emelance Emy: Navukiye ahantu hitwa mu Minago, ni mu Rumonge mu ntara ya Bururi.

IGIHE: Ufise imyaka ingahe?

Emelance Emy: Mfise imyaka mirongo ibiri n’indwi.

IGIHE: watanguye kuririmba ryari?

Emelance Emy: Novuga ko natanguye kuririmba kuva nkivuka.

IGIHE: ivyo wumva bikunga?

Emelance Emy: Aaaahh! neza neza natanguye kuririmba niga mu mashuri matomato yo mu Kayego.
Naririmba mu murwi w’abaririmbiramana witwa “Sunday School”. Uwo murwi nawumazemwo imyaka ibiri kuko naciye nja kurindi shuri.

IGIHE: Ni akahe karirimbo wibuka mwaririmba muri “Sunday School” wakunda?

Emelance Emy: Ni akavuga kati: “Reka kwishimira izina wabatijwe, siryo rizotuma uja mw’ijuru”

IGIHE: Watanguye gusohora indirimbo yawe ya mbere ryari?

Emelance Emy: Imbere yo gusohora indirimbo yanje ya mbere, nabanje kuba mu murwi w’abakobwa twabana ku Musaga aho hari umuntu yatwigisha kuririmba. Aho hari mu mwaka w’ibihumbi bibiri na kabiri.

IGIHE: Ico gihe mwaririmba ndirimbo bwoko ki? zari imvyino z’ikirundi, z’Imana canke?

Emelance Emy: Twaririmba iz’Imana gusa.

IGIHE: Nuko komeza uvuga ivyiyo ndirimbo yawe ya mbere wasohoye.

Emelance Emy: Indirimbo yanje yambere nayanditse mu bihumbi bibiri na gatandatu ariko nayisohoye mu mwaka w’ibihumbi bibiri n’indwi. Nayifashijwe na Silas Damara, niwe yanantoreye uko icitabirizo nokiririmba. Nayisohoye k’umuhinyanyuzi Yeremiya amfashije akanyemerera kunsohorera indirimbo zibiri ku buntu.

JPEG - 19.8 ko

IGIHE: Urugendo rwawe mu muziki rwabandanije gute? Utubwiye ku mwaka ku mwaka.

Emelance Emy: Mu mwaka w’ 2007, Narasohoye n’indirimbo mu giswahiri nandikiwe n’umugenzi. Iyo ndirimbo yitwa “Burundi yetu” uwo mwaka nyene niho naca ninjira mu murwi witwa “Remesha Band” w’umuririmvyi Kaka Bonné.

Mu mwaka w’ 2008: naciye nsohora indirimbo yitwa “Kira mama” ndikumwe n’umuririmvyi Shazi Kool Harera.

Hanyuma ninjira kurubuga rwo kuririmba neza na neza, ata bwoba ata soni, ninjiye muwundi murwi witwa “Troubadour” witwa Mushenge.
Ninaho nashoboye kuririmba ku munsi mukuru mpuzamakungu w’umuziki. Uwo murwi rero waranamfashije cane guteza imbere ukuririmba kwanje.

Mu mwaka w’ 2009 naho narashoboye gutorwa mubarundikazi baririmba ngo nje mw’ihigana rya PAM Award naho ntagize amahirwe yo kuritsindira. Ryatsindiye Riziki.

Uwo mwaka nyene naranakoze n’indirimbo yitwa “Harivyinshi” mfatanije na Kaka Bonné.
Mu mwaka w’2010 naho narashoboye gutsindira ihiganwa ryitwa “Nous pouvons”(turashoboye) ryari ryatunganijwe n’ishirahamwe ryigenga ryitwa ACCORD.
Indirimbo nakoranye na Shazi Cool Harera.

Muri 2011 narahinduye umurwi nja muri “Vumera Band” irongowe na Shazi Kool Harera.
Nca ndasohuro uwo mwaka nyene indirimbo yitwa “Yambogorera”. Iyo rero niyo yanatumye nshobora gutsindira agashimwe kitwa “Best female artist afrofusion”. Aho rero niho abantu batanguye kwemera ko ndi umuririmvyikazi w’umurundi . Ninayo yanatumye bampitamwo ngo nserukire igihugu muri 2012 mw’ihiganwa ryitwa SICA(Star de l’Intégration de la Culture Africaine) ribera muri Bénin uko umwaka utashe.

Naragize amahirwe iratsinda ndayironkera agashimwe k’indirimbo ifise amasanamu meza.

IGIHE: Mbega ntabwoba wagize ko wagiye guserukira Uburundi inyuma y’ibihangange nka Steven Sogo, Albert Kuru na Shazi Kool Harera?

Emelance Emy: Oya sinagize ubwoba nagato kuko nari numva ndemye,nishigikiye, nizeye ko indirimbo njanye mw’ihiganwa ariyo akaranga k’ikirundi kandi atawundi aza kuzana ibisa n’ivyanje.

Nariha amahirwe yogutsinda kuko mu kugomwa indirimbo muri ryo higanwa baraba ko
yerekana vyukuri akaranga kinyafirika, na cane cane akaranga k’igihugu userukira.

JPEG - 15.7 ko

IGIHE: Wakiriye ute ako gashimwe?

Emelance Emy: Nakakiranye igishika cinshi,mbere vyanyeretse ko abarundi twoteza imbere umuziki wiwacu.

IGIHE: Mbega woba umaze gusohora urukurikirane rw’indirimbo?

Emelance Emy: Oya ntarwo ndasohora ariko hari urwo ndiko ndategura.

IGIHE: Woba uraruha izina ukaritumenyesha?

Emelance Emy: Ego,urwo rukurikirane rwitwa “Kira mama”.

IGIHE: Ruzosohoka ryari?

Emelance Emy: Nsinovuga itariki nyezina muga nibaza ko mu mpera yuno mwaka w’2013 ruzoba rwasohotse.

IGIHE: hari n’indirimbo uherutse gusohora, vyoba ari vyo?

Emelance Emy: Ego, hari indirimbo nasohoye yerekeye isoko nkuru ya Bujumbura yahiye.

IGIHE: Yitwa gute?

Emelance Emy: Nayise “Humura”.

IGIHE: Urwo rukurikirane twiteze ruzoba ruri mu mudiho uwuhe?

Emelance Emy: Umudigo ucanze uwo ikirundi na mvamahanga witwa “Afrofusion”

IGIHE: Burya woba uzi kuvuza ibicurangisho ibihe?

Emelance Emy: Ntavyo ndamenya neza, ariko kubera icira nakuye mwihiganwa SICA, ndiko nige ibicurarangisho Kavukire: INANGA. Ariko ndavuza na twatugoma bita mu gifaransa “percussion”.

IGIHE: Emy ko asa n’uwukiri muto, ntakindi yoba akora hampande y’akazi k’umuziki?

Emelance Emy: Ngiye gutangura kaminuza.

IGIHE: Ugiye kwiga kaminuza iyihe? Mu gisata ikihe?

Emelance Emy: Niyandikishije muri kaminuza yitiriwe Martin Luther King, mugisata c’amahoteri n’ingenzi.

IGIHE: Mbega Emelance Emy yoba afise umuntu bakundana? bamwe twita fiancé.

Emelance Emy: Aaaahh! oya.

IGIHE: Reka tuvuge bamwe twita “copin”. Uwo nawe ntawe ufise?

Emelance Emy:(n’amaso akeye aherekejwe n’agatwengo) ego ndamufise.

JPEG - 29.1 ko

IGIHE: Wotubwira ingene yitwa?

Emelance Emy: Oya reka ndamwihoze.

IGIHE: Ugusenga woba uvyerekwa?

Emelance Emy: Ego cane ndasenga. Uretse uyu munsi ntagiye, ahandi iminsi yose isaha zitandatu mba ndi gusenga. Bindukanye nabantu bibaza ko abaririmvyi benshi badasenga.

IGIHE: Umuririmvyi ukunda ni nde?

Emelance Emy : Kajanine.

IGIHE : Akajambo kanyuma woshikiriza abasoma ikinyamakuru IGIHE koba akahe?

Emelance Emy : Akajambo kanyuma nako gushimira abakunzi b’umuziki wanje, abanshigikiye mu buryo ubu canka buriya gushika nshike aho ngeze, na cane cane amazu y’ubuhinyanyuzi bw’umuziki.

Ndahamagarira abaririmvyi b’abarundi duhindure ivyiyumviro maze dukunde ivyo I wacu.

IGIHE: Niki wobwira abaririmvyi cane cane babigeme nkawe?

Emelance Emy: Nobwira abaririmvyi babigeme nabo ko bogira ishaka. Bagakora ntibacike intege.Imana ibahezagire.

IGIHE: Emelance, ndagushimiye kuri kino kiganiro waduhaye.

Emelance Emy : (n’akanyamuneza kenshi kabonekera ku gatwengo) Nanje ndabashimiye cane kubona mwanyiyumviriye.


Ingabire Luc-Noël

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.