IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > Mkombozi : Gutwara ni ukwiruka, si ku mupira gusa

Mkombozi : Gutwara ni ukwiruka, si ku mupira gusa

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umuririmvyi Mkombozi asanzwe ari mu buhungiro yasohoye ururirimbo "Papa Nzeyimana ft RWAGASORE NDADAYE" ruvugwamwo amajmbo akomeye, akagaruka ku bwicanyi buba mu Burundi, hamwe n’ubukene abarundi babayemwo.

Amwe mu majambo ari muri urwo ruririmbo "Papa Nzeyimana ft RWAGASORE NDADAYE" rwa Mkombozi avuga ati : "Présidence si parking y’ingendo za buri musi...
Présidence si parquet yo gucira imanza abagabo mutavuga rumwe,...
Inkuru itari nziza kuri jewe si inkuru, kuko umutwe utagira ubwenge uruhisha amaguru. Gutwara ni ukwiruka, si ku mupira gusa, wirukange ku butungane, wirukanze ubukene, ntiwirukanze abo bagabo ubona mutavuga rumwe. Nimba wizera, wizere Imana ntuyikinishe n’amasengesho fake nk’umushatsi w’ama mèches, ntuzodufuke amaso mu kwirigwa mu masengero. Ukunde kandi wubahe ibwirizwa shingiro, uryandike mu mutima ntiwizere impapuro, Ufate impuzu zera wambike aba patriotes buzuye mu Mpimba kubera ivyiyumviro vya politike. Ntuzokwubake ama stades nk’uwiteguriye coupe du monde ata mahinguriro dufise, nurushinge ruva hanze. Nta gihugu na kimwe kw’isi gikenye, ivyiyumviro vy’abagitwara nivyo biba bikenye."

Umviriza aha munsi ururirimbo "Papa Nzeyimana ft RWAGASORE NDADAYE" rwa Mkombozi


IGIHE

Messages

  • Uravuga naho utavura. komera ter’imbere nkumuzinga. (NZEYIMANA), turagukunda

  • Uyu muhungu yavuga gusa nyene ni uko abwira intumva tutazi ikindi kiziraje ishinga.
    Iterambere ry´igihugu urya mugabo yavuzwe ntawomubaza kuko sizo ngorane ziwe!!!

    Merci Mkombozi

  • Gendandakwemeye pe!mbega composition!Sha,yabawahanurabumva,wavuga ntiwavura!Nukuri sayawe muburundi ntitwaribwagere kwubaka Stade ya6000000000 atana industrie dufise,ndetse hakirivyama delestage!Ivyo sivyovyihutirwa mwiteramere ry’abanyagihugu!hewe,bandanyukompoza,badanyubabwira...

  • Gendandakwemeye pe!mbega composition!Sha,yabawahanurabumva,wavuga ntiwavura!Nukuri sayawe muburundi ntitwaribwagere kwubaka Stade ya6000000000 atana industrie dufise,ndetse hakirivyama delestage!Ivyo sivyovyihutirwa mwiteramere ry’abanyagihugu!hewe,bandanyukompoza,badanyubabwira...

  • Babwire nuko ari ntumva kuko igihugu bakigize itongo ryabase! Komera mutama!

  • Sha uri uwa mbere pe! Mbega umuhungu mbega umuhungu! Ndasavye Prezida w’igihugu ubaye mwo muri bino bihe aguhe ikidali c’umwakaka!!! You’re golden for sure! Sha uri we ndakurahiye! Nihagire imbonerakure isubiza yo. Ngo bazomesa....?! Aho Ndabirabe ntiyovuga basi ndaremye. Rindira campagne maze iyi ndirimbo yawe ibice bicike!!! CNDD-FDD bayiiiiiiiiiiiii turabonanye.........!

  • Sha uri uwa mbere pe! Mbega umuhungu mbega umuhungu! Ndasavye Prezida w’igihugu ubaye mwo muri bino bihe aguhe ikidali c’umwakaka!!! You’re golden for sure! Sha uri we ndakurahiye! Nihagire imbonerakure isubiza yo. Ngo bazomesa....?! Aho Ndabirabe ntiyovuga basi ndaremye. Rindira campagne maze iyi ndirimbo yawe ibice bicike!!! CNDD-FDD bayiiiiiiiiiiiii turabonanye.........!

  • Even if Uare out of your country,we are together, respect to U, begger up

  • NZEYIMANA NGO CNDD FDD bayiiiiiiiii.......ushaka uyuhe ubu naho.Ko wewe naho uwundi mugambwe wotsinda uzoguma unywa urumogi!!!!!Uriga basi uronk na diplome urabe ko wokwiteza imbere....ndagutwennze...twe ntidukunda abakoresha bouche dukeneye ibikorwa!!!!!!

  • KABIZI NGO CNDD FDD bayiiiiiiiii.......ushaka uyuhe ubu naho.Ko wewe naho uwundi mugambwe wotsinda uzoguma unywa urumogi !!!!!Uriga basi uronk na diplome urabe ko wokwiteza imbere....ndagutwennze...twe ntidukunda abakoresha bouche dukeneye ibikorwa !!!!!!

    YARI KABIZI NTIYARI WEWE NZEYIMANA IKOMERERE

  • UMURUNDI AKUNDA IGIHUGU CIWE NTIYOKWIPFUZA KUBONA BAGENZIWE ARI IMIVYIMBA BIVUYE KURIWE,MKOMBOZI IMANA IMUHEZAGIRE.

  • naho baguma bamwirukako.ahubwo nabandanye kuko igihugu kiriko kija mukaga.niyirambire: pascal kayogoro-makamba

  • naho baguma bamwirukako.ahubwo nabandanye kuko igihugu kiriko kija mukaga.niyirambire: pascal kayogoro-makamba

  • mkombozi komera uburundi buracafise incabwenge

  • Aha niho tubonera umuririmvyi akunda igihugu. Adahimba indirimbo zidafitiye n’akamaro igihugu bivanye n’igihe kigezemwo. Big up Mkombozi! Turagukunda kandi twese abarundi duhurira kuri iryo jambo nyene. Turiteguye kwubaka igihugu, ariko izi njavyi zose dutegerezwa kuzihenagura zanse kutubisa kuneza. Much Love to all Burundians-Ndakunda Uburundi bwanje n’abarundi mwese. Ico nico conyene gituma twanka gusubira gutwagwa nk’impumyi. mumwaka wa 2015, umurundi wese arazi ico dukeneye kugira dutere imbere. Ico naco ntaco turi guhabwa nakagwi karongowe n’umwihevyi ADOLF SHIMIRIMANA. Abarundi twarahiye ati NO means NO! Ntitumwemerera naho yozanana na Osama (akarorero).

  • Uyumuntu wumvirije amajambo avuga muriyindirimbo numurwayikamiri kandundi uwobihaririza tukagenda tukamujana kwa muganga batamusanzemwo ingwara yibisazi bomusangamwo ibi drugs nkurumogi nibindi abantubakoresha bakazopfabameze nkibigugu ndabibabwiye muruyunwaka wa 2015 muri 2020 muzobamwaramaze kubona ukurikwiye binashibotse azokora ikintukibi atanahogisagisana nabarundi canke nivyiburundi agihanirwe. Umvanamwe kuvakera ntiharuho abaririmvyi nabarundi bakoneye kandi baririmba indirimbo nzogushimira ubutegetsi bwababuhari canke bakabunegura mwaribwumve umuntu asarambwa nkakokagene!? Ndababwirako ugiyw gutanga impanuro umeze njuwanyoye urumogirwumurengera izompanurozawe ziraheza zikabipfagusa, umuntu ashaka guhanura abitwaranabi araheza akiyorosha ntaheza ngwashuhagize ngoyongere ngwakoreshe amajambo yokubatara imisi. Murazokurikirana ziryandirimbo ziririmbwa mumasrngero atandukanye zirimwo impanuro zikomeye arikotwese turazikunda kubera abaziririvye bazirurimba bafitiye urujyndo abantubose kandimubwitonzi ntangere. Nayo ivyobiririmbo muririmba mengo nama Daimoni abafashe ni feke.

  • UWUMURIRIMVY NDAMUKUNDA
    KUKUNTU ADAKANGWA NIGICURE
    ADATINYA KUVUGA UKURINGOYOKWI
    CWA
    MBONAKO NABANDI NABANDI BARIRIMVYIBOHABONERA AKARORERO
    NAKOMERE
    ARASHIGIKIWE.NATWETURINYUMA TURACAHANGANYE NIKIKIBAZO CUBUKENE.

  • mkombozi mimi natamani kuishi na wewe nakupenda sana wasikudanganye acha kuponda serikari jari maisha yako kwanza wote tumeturia kipindi kibaya utaenderea misukosuko ikiisha arikuwa minani stivini lumonge my lover just four you

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.