IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rihanna > Rihanna: “Nararengewe n’umunezero”

Rihanna: “Nararengewe n’umunezero”

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Mu rugendo Rihanna arimwo i Miami, bivugwa ko yoba yaranezerejwe cane n’umwe mu bakobwa bamuherekeje kuryoherwa.

Ahamushitse ku mutima, ni igihe bari mu nzu y’ubutambiro yitwa King of Diamonds, aho umwe mu bakobwa bari kumwe yatamvye yishimikije icuma gishinze aho mu butambiro, atamba acizungurizako, agifumbatiza amaguru, acurirako, eka ngo Rihana ntiyihanganye kuko yaciye akora mw’isaho aca akororera ama dolari 8.000 mw’ibutura ry’uyo mutamvyi.

JPEG - 14.5 ko
Rihanna

Biravugwa ko Rihanna mu rugendo arimwo n’abakobwa b’abagenzi biwe, ko baryohewe cane haba mu butambiro butandukanye canke mu bunywero. Ariko ngo kuba naho yahisemwo umwe mu bakobwa bamuherekeje muri urwo rugendo, agakora mw’isaho yiwe atarinze kwiyumvira ayo asigaranye muri banki canke ayo yoba asigaranye mw’isaho, vyerekana ko uyo mukobwa ariwe yamunezereje kuruta abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • amadollars yo gupfusha ubusa murayaronka mu gihe abanyafrika turiko turicwa n’inzara n’ubukene; ubujiji hamwe ni’ingwara. birababaje kubona abandi amadollars bayapfusha ubusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.