IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rihanna > Rihanna yiyemeje kunezereza abakunzi biwe

Rihanna yiyemeje kunezereza abakunzi biwe

lundi 10 Ruheshi 2013

Mu mpera z’iy’indwi irangiye, umuririmvyi Rihanna yari mu giteramo ku kibuga co mu Bufaransa mu ntumbero yo kubandanya ibiteramo vyiwe yise Diamonds World Tour.

Ico giteramo mu Bufaransa kigira gatanu akaba azobandanya ivyo bikorwa asanzwe yaratanguye mu kwezi kwa Ntwarante, bikazorangira mu kwezi kwa Munyonyo uyu mwaka nyene akazobirangiriza muri Leta zunzubumwe za Amerika.
Aho ku kibuga co mu Bufaransa rero Rihanna yarahakunze cane kuko yavuze ko ari irya mbere aririmbiye ku kibuga.

Yavuze ati: "Sinzokwibagira iki giteramo kuko nashoboye kuhungukira ubuhinga bukomeye". Abakunzi bagera ku bihumbi 75 000 barashoboye kuryoherwa cane nk’ikiringo c’isaha imwe n’igice mu gihe yaririmba indirimbo Phresh Out the Runway ari nayo yuguruye, arangiza aririmba indirimbo yitwa Diamonds, izindi yaririmvye ni Man Down, Rude Boy, Umbrella na We Found Love.

Inyuma y’imiNsi mikeyi avuye mu gihugu c’Ubwongereza hamwe no mu Buraruko bwa Buraya, Rihanna azogirisha igiteramo ca nyuma yise Hexagone. Igenekerezo rya 20 Mukakaro ku kibuga gikuru ca Arena de Lille, imbere yo kubandaniriza muri Aziya na Australiya mu mpera z’ukwezi Nyakanga.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.