IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > ’’Abaririmvyi n’umuziki ni magiriranire’’-Appolinaire HABONIMANA

’’Abaririmvyi n’umuziki ni magiriranire’’-Appolinaire HABONIMANA

jeudi 1er février 2018

Appolinaire HABONIMANA, avuga ko mu bisanzwe abaririmvyi bakeneye umuziki, umuziki nawo ugakenera abaririmvyi.

Ati : « Umuziki uradukeneye, natwe turawukeneye. Ni ahacu rero twebwe abaririmvyi dufise iyo mpano kuyivomera, tukayibungabunga, maze mu nyuma nayo itubungabunge, idutunge twebwe n’abacu. »

Joseph TOROBEKA, umuhumure w’imyaka 70, asanzwe acuraranga imvyino za kavukire, asaba abaririmvyi bakunze gusubiramwo indirimbo z’abandi ko bobihagarika.

TOROBEKA avuga ati : « Birababaje kubona umuntu arimye uduharage hageze aho yokwimbuye tukaribwa na murundi, umwana wiwe agahaga abacu bashonje. Mu muziki hari abashaka kwimbura ivyo batarimye. Abantu bakunze gusubiramwo indirimbo z’abandi barakwiye kwikubita agashi. »

Ibikorwa vyo gutanguza iyandikwa ry’abaririmvyi mu gihugu hagati bikaba vyatangujwe aho n’ibiteramo biremeshwa na Femi de J’Abat ubwiwe n’abaririmvyi bakunzwe cane nka Rally Joe, B-Face n’abandi bitegekanijwe


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.