IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi w’umurundi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo (...)

Umuririmvyi w’umurundi Jean Marie AHISHAKIYE agiye gushira ahabona indirimbo ziwe zishasha

Wednesday 22 August 2018, by vianney

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 21 Myandagaro 2018, Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko izo ndirimbo ari : Igitego (Igitsindo), Ivyari Imagera vyarageruye hamwe n’indirimbo yise Bingana (=).

Ku ndirimbo ya mbere yise «Igitego», Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko iyo ndirimbo yayanditse yisunze ivyamushikiye mu buzima, aho umukoresha wiwe yamuhagaritse mu kazi kandi amuziza ubusa,mu gihe yari arwaye, ariko nawe amuhisha ko vyamushavuje, mbere aranamubabarira,amaze gusubira mu kazi ubugenzi n’ubucuti bihava biragaruka, ari naco yise igitego, yisunze umwibutsa w’ikirundi : Umuntu aguhisha ko akwanka nawe ukamuhisha ko ubizi.

Ku ndirimbo ya kabiri yise «Ivyari imagera vyarageruye», Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko yayanditse afatiye ku myifato y’abigeme, aho mu myaka yaheze umuntu yibarutse umwigeme yabona ko azoterwa iteka akaronka Inka y’inkwano, ariko ubu uwibarutse umukobwa usanga ashikiwe n’ibibazo, ari naco catumye abicishije muri iyo ndirimbo asaba Imana ko yofasha.

Kubwa Jean Marie AHISHAKIYE, indirimbo ya gatatu yise «Bingana» yayanditse nk’ingereranyo, kuko agereranya n’ubuzima bw’isi, kuko bugizwe n’ibice bitatu : Kuvuka, Kubaho no gupfa.

Jean Marie AHISHAKIYE avuga ko mu buzima bwa minsi yose hari abavuka bahiriwe abo bakaba basumba abandi, hakaba ababaho bagowe abo bakaba bari munsi y’abandi ariko abo bose bagahurira ku rupfu ari narwo agereranya n’ikimenyetso bingana, kuko abantu bose uko bari kwose bategerezwa gupfa.

Yisunze ubutumwa buri muri yo ndirimbo «Bingana», Jean Marie AHISHAKIYE , asaba abantu bose gufashanya ukwo bari kwose, umutunzi afashe umukene, umukene nawe afashe umutunzi k’uco amukeneyeko, kuko abantu bose baja hamwe.

Mwomenya ko ibikorwa vyo guhinyanyura izo ndirimbo vyabereye mu Burundi, aho umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE yari yaje mu gihugu c’amavukiro, akaba yakoze ivyo bikorwa ari kumwe n’abagenzi biwe bo kuva mu bwana.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.