Amber Rose ategekanya kwibagisha amabere

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 1er Myandagaro 2017 saa 04:58
Yasomwe : 9225
0 0

Amber Rose ategekanya kwibagisha amabere yiwe kuko amuremera cane, akanamurwaza umugongo. N’ubwoba ntabwo abuze kuko yibaza ko bishobora kutagenda neza cane cane inkovu zishobora kumumerera nabi.

Amber Rose aciye ku rubuga rwiwe rwa instagram avugako ubunini bw’amaberere yiwe butariko buramworohereza na gato. Eka ngo nta n’umunezero bumuha.

Ati:" Amabere yanje araremeye vy’akamaramaza, aranangwaza n’umugongo. Sinshobora kwambara utuduhuzu dutoyi mu gikiriza. Kugira n’imiburiburi bikunde ndinda kwambara"soutien-gorge" nahonyene y’abantu bakuze".

Amber Rose aciye kuri Instagram nyene asaba impanuro, yongera abaza abagore bagenziwe ati:" Hoba hariho abagore bagabanijwe amabere ariko bakagumana umunezero kandi bafise ibikovu?".

Akamo yateye abaza karumviwe kuko bamwe muribo bariko bamuhanurako nyabunako yokwicunga ku ngaruka mbi zishobora kumushikira inyuma yo kwibagisha ayo mabere.

Bobo babonako Amber Rose atokwitwararika cane ibijanye n’inkovu ahubwo amagara yiwe ashobora kuhasigara.

Abandi bariko bamuhanura ko yoyibagisha nk’uko Ariel Winter( Umukinyi wo mu rukurikirane Modern Family) yabigize mu mwaka w’i 2015. Kuko wewe inyuma yo kwibagisha asigaye yiyereka ku mbuga ngurukana bumenyi ataco yinona.

Tubamenyeshe ko Amber Rose yigeze kwubakana n’umu Rappeur Wiz Khalifa hagati y’umwaka w;i 2013 na 2014. Uwo kandi n’umukinyi w’amareresi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha