Ashley muri "My Level" ati:" Erega mukobwa nta n’ubwiza ufise"

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 4 Nyakanga 2017 saa 04:26
Yasomwe : 9036
0 0

Ashley yavuye mu gacerere yari amazemwo igihe adasohora indirimbo. Niko gusohora ururirimbo "My Level", ubutumwa burimwo bwerekeye umuntu adashima kuvuga izina.

Inyuma y’igihe kitari gito abakunzi biwe batumva indirimbo ziwe, Ashley yaciye asohora ururirimbo ruri mu mudiho wa HipHop yise "My Level", ruririmwo amajambo yumvikana ko ari ubutumwa ariko yerekeza ku muntu.

Ashley tumubajije uwo yashatse kubwira, atubwira ati:" Bibwirwa benshi bikumva benevyo". Naho biri uko, Ashley avuga ko abo bamutera utujambo atari bo bamutumye asohora urwo ruririmbo. Nk’uko avyivugira, kudasohora indirimbo vyatumwe n’uko yari afatiriwe n’ibindi bikorwa.

Muri "My Level", Ashley ati:"Ntuzigera ushika aho ngeze, ntuzigera unshira hasi ". Arongera ati:" Erega raba mukobwa nta n’ubwiza ufise... jewe ni Nick Minaj nawe uri Lady Gaga . "

Tubibutse ko Ashley amaze igihe ari mu gihugu ca Kenya aho asanzwe akorera ibikorwa vy’umuziki n’ibindi bikorwa .

Umviriza aha munsi ururirimbo "My Level" rukozwe mu mudiho wa HipHop


Kumenyekanisha

1
NKUNZIMANA ERIC 5-09-2017 à 14:15

JEWE MBONA YATAYE AKARANGA K’ABA ARTISTE YIHITIRAMWO KUTUZANAMWO IVY’AMATATI BAFITANIYE N’ABANTU. ARAKWIYE KWISUBIRAKO

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha