Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Bizos yifatira mu gahanga mugenzi we Cypro Light
Umuririmvyi Bizos yifatira mu gahanga mugenzi we Cypro Light
mercredi 29 Munyonyo 2017, par
Mu ruririmbo rushasha yasohoye, Bizos atangura avuga ko amaze imyaka ishika icenda aririmba, avuga ko yatanguye mu gasuzuguro ka bamwe mu baririmvyi bagenzi we aho badashaka ko abandi batera imbere. Aha Bizos atanga akarorero k’abaririmvyi badashaka kuva ku ruhimbi (Stage), bakibagira ko hari abandi barindiriwe n’abakunzi babo.
Si abo gusa, Bizos na Alan Kiss barakebura bamwe mu baririmvyi birirwa baryamye mu nzu basaba ama Mega aba fans ngo bashobore kuja kuri Facebook na whatsapp. Aha muri urwo ruririmbo aratunga agatoki, Cypro light ati : "Namba umuziki wanse raba ibindi undandaza". Amwagiriza ko anywa itabi "urumogi", akamubwira ati:" Petit gabanya itabi".
- Umuririmvyi Bizos
Aragaruka no ku baririmvyi bapfa inkumi, eka n’abapfa ubusa hagati yabo.
Ayo majambo avugwa mu ruririmbo "Ikaramu Itukura", Bizos yakoranye na Alan Kiss. Arangiza avuga ko atariko arondera guterana amajambo "Beef", ahubwo ko ariko arahanura.

Uwo muririmvyi azwi cane mu ndirimbo nka "Umu Ex wanje", "Ndakugabisha" n’izindi.
Umviriza aha munsi "Ikaramu Itukura"
Cherif NKESHIMANA
Messages
27 Ndamukiza 2018, 20:58, par Nishimwe Zaburon
Bizos Bit? Ndagukund Kundirimb Uririmb Ndumutip Nkund Umuzik Niga Mumwak W 7