IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Diamond Platnumz ari muyabira n’abakobwa

Diamond Platnumz ari muyabira n’abakobwa

samedi 7 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Hamisa Mobetto ni umunyamideri azwi cane mu gihugu ca Tanzaniya, yamenyesheje ko agiye kwitwarira umuririmvyi Diamond Platnumz kubera adatanga ibirezo vy’umwana baheruka kuvyarana. Ivyo biri uko mu gihe Diamond yaheruka kuvugira kuri imwe mu mboneshakure z’aho muri Tanzaniya ko afasha Mobetto bihagije, maze akanamugurira imodoka yo kwiyunguruza yo mu bwoko bwa R4 (Iyo yavuzwe ko vyinshi).

Ivyo biri uko inyuma y’aho umwigeme Jessica w’Umurundikazi nawe atangarije ko yavyaranye amahasa na Diamond. Jessica nawe yidogera Diamond ko atariko amufasha kurera abana kandi babasangiye. Uko Jessica yabitangaza, vyerekana ko Diamond atemera ko bavyaranye, ari nakwo gusaba ko bokoresha ibipimo vya ADN kugira bikure amakenga kuri se w’abana. Jessica yavuze ko baryamanye na Diamond igihe yaza mu Burundi bagakorana ururirimbo na Lolilo, eka n’igihe yaza mu giteramo mu Burundi.

Diamond yama mu matati n’abakobwa bamwagiriza kuvyarana nawe maze akabihakana. Si abo gusa, mu mwaka w’i 2013, umwigeme yitwa Peniel Mulingwa nawe yamenyesheje ko afise imbanyi y’uwo muririmvyi. Diamond yaravyemera ariko bayaze amasigara cicaro, kuko ataco yamufashije.

Diamond nyene afitaniye imigenderanire mibi cane na Zari (Uganda) wewe vyari vyitwa ko ari umugore wiwe. Bikavugwa ko bahukanye. Eka na Zari nyene baravyaranye na Diamond abana babiri.

Izo ngorane Diamond atera abakobwa bamukunze canke we yakunze, hari abigeme batazibona. Aha haravugwa umunyamideri Tahiya J. George yoba ariko arareshwa n’uwo muririmvyi. Si uwo gusa, hari kandi na Gygy Money, umuririmvyi-mumenyeshamakuru aherutse gutangaza ko akunda cane Diamond. Uwo mwigeme atangaza kandi ko na Diamond abizi ko amukunda. Yavuze ko anipfuza ko bobana. Gygy Money wewe avuga ko asumvya ubwiza Zari yafatwa nk’umugore w’inkwundwakazi wa Diamond.

Si Gygy Money ashobora kurwa mu mutego waguyewo abandi bigeme bitaye kuri Diamond, harimwo na Shaddy Boo. Uwo ni umunyarwandakazi nawe ahimbazwa cane no kuba ahurumbirwa na Diamond cane cane igihe agiye mu Rwanda. Shaddy Boo nyene aherutse kwitaba isabukuru y’amavuka ya Diamond aho yanakengurukiye cane Diamond ku butumire yamuhaye. N’uwo ashobora akaba ashobora guhamvya abandi bariko bidogera Diamond.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • Diamond yarumvise ubutumwa bwatangiwe ku Ntega mu ntara ya Kirundo. Uwubizi ni Jessica.

  • Ahubwo Arasara Mumutw Kuberik Atoza Arabemera Cnk Sirwiw

  • Kweri Aba Akwiye Kubemera Kk Niw Abayabateyinda Mugabo Zari Ntiyamwihakanye?

  • Andika hano ok je ni twa jean marie ndihokubwayo mvuka ingozi na je ndu muririmvi mu shasha muburundi izina ryubusani nitwa wape manjonjo imiziki yanje kuri you tube iriko wandika wape manjonjo ucuyi bona ok ikintu nagira mvuge kwiyi nkuru yambere twone zegwa cane hamwe ibibintu vyoba vyokwitaho umuziki wiburundi yoba baye umu perezida wambere yoba yitaho abaririmvi bo muburundi kandi two shima cane gose ok icakabiri niyi nkuru ya diamond none nikuberiki atemera abana biwe canke nikuberiki aboba kobwa bobo baguma bamwe rera ko baryamana kandi bumvako atemera umwana ahubwo iziba tera buhoro hose hamwe afise abana bangahe? ko nu mvako afise abana batatu ariko je numva barenga mbegaho ayo mahasa ya vyariye muburundi yarayemeye?

  • Andika hano Noe Ntakunt Yorek Gukund Abakobw Besh Aragow Diamond Mugab Sivyiz Kwer

  • ndabahaye mwaramutse cyangwa mwiriwe bivanye naho muhererey hama iciyumviro ntakintu kibabaje kumva wari umuntu uzwi kandi wanakundwa ariko ukagenda wandikishatamateka mabi mugushurashura nkuk kuku sinovugako kwoba ari ukumaking love habe namba..., ahubwo bari bakwiye kubera akarorero keza kubandi ndetse nokubari inyuma yabo

  • nafashe hoho umurundikazi wacu areke kurwiza abantu muburundi bwacu dusanzwe turi benshi cane hama diamond vyimvikana karindaya

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.