Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Dj Pro mw’ihiganwa mpuzamakungu asaba gushigikirwa
Dj Pro mw’ihiganwa mpuzamakungu asaba gushigikirwa
vendredi 11 Myandagaro 2017, par
Ramadhan Ciza azwi kw’izina rya Dj Pro ariko ahiganwa mu rwego rw’abaririmvyi bariko baduga cane mu muziki wa Afrika muri ico gisata, akaba ariko ahiganwa n’abandi 16 bo mu bihugu bitandukanye vya Afrika. Kuri iyi ncuro ya kabiri, Dj Pro avuga ko iyo ntambwe yayishikanyweko n’ururirimbo "Maisha na Muziki".

Dj Pro avuga kandi ko ku ncuro yiwe ya mbere yahungukiye ibitari bike na cane cane ko abategura iryo higanwa bamufashije kumenyekanisha indirimbo ziwe ku mboneshakure zitandukanye zo muri Afrika. EAU USA yamufashije kandi no kugurisha indirimbo ziwe biciye kuri YouTube. Ivyo rero bikamwinjiriza n’amahera bivanye n’uko abakunzi biwe bashimye (like) canke bazihanahanye (share).
Ramadhan asaba Abarundi n’abakunda umuziki w’Uburundi kumushigikira kugira ibendera ry’igihugu riboneke mu makungu.
Uwo kwipfuza kumuha amajwi yoca ku rubuga ngurukanabumenyi rwa African Entertnaiment Awards USA : http://www.aeausa.net/2017-nominees.
Tubibutse ko Dj Pro azwi cane mu ndirimbo nka Nivumilie, Kale Katoto yaririmbanye na Mkombozi, Touch me yakoranye na Black G, n’izindi.
Umviriza wongere urabe video y’ururirimbo Maisha na Muziki rwashikanye Dj Pro mw’ihiganwa.
Cherif Nkeshimana