Emery Joe aririmba umukobwa yamuhemukiye

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 10 Gitugutu 2017 saa 05:22
Yasomwe : 8415
0 0

Emery Joe yashize ahabona isanamu y’ururirimbo "Indahiro". Emery aririmba amajambo y’ikirundi avuga umubabaro yatewe n’umukunzi wiwe yamuhevye. Iyo sanamu ibonekamwo Emery n’uwo mukobwa bakina.

"Indahiro" ni umutwe w’ururirimbo rwakorewe n’isanamu rw’umuririmvyi Emery. Mu majambo y’ikirundi atavanze, ariko asiguye mu ruririmi rw’icongereza ivyo bita "Lyrics", Emery ararahira akarengwa ko atazosubira gukunda.

Mu gitero ca mbere, Emery aririmba ati : "Abakobwa ni benshi kandi beza ariko kugira uronke uwufise urukundp ni vyo vyambere ifuro ry’igiti".

Mu citabirizo, Emery ati : "Mbe ni kuki waruzi ko buzoca kabiri ukanca ku mazi kandi ntarapfa ureka intoki zogusize amavuta. Ndarahiye, sinzopfa nsubiriye gukunda kubera bimbabaza umutima, uwo nakunze yarampemukiye."

Mw’isanamu y’urwo ruririmbo, habonekamwo Emery akina n’umwigeme basa nk’abari mu rukundo. Utundi duce twayo, tuboneka Emery ari wenyene aririmba nk’uwufise akabonge. Naho biri uko, nta na hamwe mw’isanamu haboneka uwo mukobwa yamuhemukiye kuko uwo mw’isanamu wewe ururirimbo ruhera bari mu munezero, ata buhemu bubonetse.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha