IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fally Ipupa amenyesha ko agiye kuza mu biteramo i Bujumbura

Fally Ipupa amenyesha ko agiye kuza mu biteramo i Bujumbura

samedi 28 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Fally Ipupa Nsimba aboneka mw’i video amenyesha abanyagisgara ca Bujumbura ko azoba ari kumwe nabo ku magenekerezo ya 24 na 25 Kigarama. Avuga ko azoba aje kwifadikanya n’Abarundi guhimbaza umunsi mukuru wa Noel. Naho biri uko, nta kibanza canke ikindi kintu cemeza ko ivyo Nsimba avuga arivyo.

Fally Ipupa azoba aje mu biteramo mu Burundi inyuma y’amezi make mugenzi we Koffi Olomidfe aciye mu gisagara ca Bujumbura.

Tubibutse ko Koffi Olomide wewe atorohewe mu gihe vyamenyekanye ko atahembwe amahera yategerezwa kuronka gushika naho umwe mu bateguye ibiteramo vyiwe ubu abarizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Tubibutse kandi ko uwo yaririmvye "Kiname" canke "Chaise Electrique", aherutse gutahukana ikibanza ca gatandatu mu baririmvyi batunze bo ku mugabane wa Afrika.

Subira wumvirize kandi urabe na Video y’ururirimbo "Chaise Electrique yakoranye na Olivia yakoranye na 50Cent muri "Candy Shop"


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.