IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Femi De J’Abat yasiguye ubutumwa buri mu ruririmbo "Umunyenga" ruriko (...)

Femi De J’Abat yasiguye ubutumwa buri mu ruririmbo "Umunyenga" ruriko ruvugwako vyinshi

lundi 12 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

IGIHE : Ururirimbo « Umunyenga » uheruka kurusubiramwo. Hari ico utari washimye muvyo wari waririmvye ubwa mbere ?

Femi De J’Abat : Murakoze kuri ico kibazo. Oya ntaco ntari nashimye kandi naranejerejwe nuko abantu benshi barwakiriye neza bakarukunda. Nimba nahisemwo kurusubiramwo ni mu ntumbero yo kururyohora neza gusumvya urwa mbere. Ni nkakurya umuntu yubaka inzu haciye igihe akayisubiramwo abonye bikenewe.

IGIHE : Ni ubuhe butumwa buri mu ruririmbo « umunyenga » ?

Ubutumwa buri muri iyo ndirimbo ni bwinshi cane kandi bwiza nubwo hari abo gushika uno musi bugora gutahura. Hinge ndababwire ubutumwa 2 nyamukuru buyirimwo : 1) Gusabikanya neza URUKUNDO n’umukunzi wawe mu buryo bushimishije muri babiri gusa mu munezero n’umutekano ntangere, mwitanaho muhana ibibereye ku neza ya mwese.

2)Nashatse gukebura abakundana ko boha agaciro kanini umwanya wo gusabikanya URUKUNDO rwabo mu ntumbero yo gutegura no gufashanya neza urugendo rwiza rudasanzwe rubashikana bose hamwe mu bwami bw’UMUNYENGA ari nabwo nise izina ryiyo ndirimbo yanje.

IGIHE : Abatari bake bavuga ko woba waririmvye ibijanye n’uguhuza ibitsina. Uwo « munyenga « uvuga ni uwuhe ?

Ababivuga uko ni abantu batatahuye neza ikirundi nakoresheje. Nakoresheje imvugo y’urupfasoni y’abantu bakuze na cane cane ko mu migenzo n’imico y’iwacu mu Burundi twarazwe n’abasogokuru na basogokuruza hari ibintu tutadudurirako mu kuvuga abana bumva. Uwo munyenga nawo mumbaje naririmvye ngo ni uwuhe? Ndibazako namaze gutanga umuco uhagije kuri wo, uwutatahuye nawe ni uwoba vy’ukuri atazi ikirundi.

Umviriza aho munsi ururirimbo "Umunyenga" rwa Femi De J’Abat, uheze ugire ico uterereye muri "commentaire ". Fyonda LIke namba uri mu bakunzi b’iyo ndirimbo


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.