IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Marechal Femi De J’Abat > Umuririmvyi Femi De J’Abat n’imfura yiwe bitezwe i Bujumbura

Umuririmvyi Femi De J’Abat n’imfura yiwe bitezwe i Bujumbura

dimanche 26 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abakera barayamaze bati : " Amazi arashuha ariko ntiyibagira i bumbeho, kandi "inkware itora ku musozi agatima kari mu mwonga." Umuririmvyi MINANI Nsengiyumva Félicien benshi bazi kw’izina rya Femi De J’Abat yitezwe mu Burundi igihugu ciwe c’amavukiro, akaba azananye n’umukobwa wiwe w’imfura, nawe nyene yatoranye umwuga wa se w’ukuririmba.

JPEG - 49.8 ko
Umuririmvyi Femi De J’Abat ari kumwe n’imfura yiwe Divine MUGISHA

Nk’uko amakuru dukura ku muhora wa Facebook w’uwo muririmvyi abivuga, Femi De J’Abat kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 28 Ruheshi 2016 azoba ari mu gihugu c’Uburundi. Ayo makuru aremezwa kandi n’uwo muririmvyi.

Mu kiganiro yaduhaye ari mu gihugu ca Norvège aho asanzwe aba, Femi De J’abat amenyesha ko azaniye Abarundi inkumbu nyinshi.
Iyo nararibonye mu muziki w’Uburundi azwi mu ndirimbo nka Kuba kw’isi ni ukwitonda, Nkunda Cheri, Reviens mon amour, Ikibi ni akanwa, Umunyenga amenyesha ko ahimbawe n’ukugaruka mu karuhuko mu Burundi, igihugu c’amata n’ubuki, akunda cane kandi c’amavukiro yiwe, aho azobonanira n’umuryango wiwe, abagenzi bakuranye, hamwe n’ababanyi akunda.

Muri ico kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Femi De J’Abat yamenyesheje ko ashimira Imana ibandanya gukingira Uburundi, igihugu yipfuriza amahoro n’umutekano.

Mu karuhuko agiye kuzamwo mu Burundi, umuririmvyi Femi de J’Abat azozanana y’umwana wiwe w’imfura, Divine Mugisha nawe amaze gukora indirimbo imwe yitwa Shimira Imana. Ubu naho akaba azanye iyitwa "Rør meg" yakorewe mu nzu y’ubuhinyanyuzi izwi kw’izina rya "Lyd Hagen" iri muri Norvège. Ku bijanye n’insiguro y’urwo ruririmbo ruri mu rurimi rwo muri Norvège, Femi De J’Abat se wa Divine Mugisha agira ati : "Azoyitangira wenyene ashitse mu Burundi."

JPEG - 54.7 ko
Divine MUGISHA, imfura ya Femi De J’Abat

Mu bikorwa bitandukanye azorangura mu minsi azomara mu Burundi, Femi De J’Abat avuga ko nk’uko asanzwe ahora abikora uko umwaka utashe abicishije mw’ishirahamwe yatanguje ryitwa VONECOVIC (Voix Neutre Contre La Violence et Injustice à travers les Chansons), azotanga imfashanyo kuri ba ntahonikora, cane cane abo mu bwoko bw’Abatwa.

Femi De J’Abat amenyesha ko anezerewe no kwongera kugaruka kandi mu gihugu canyibarutse kandi ko ashimira Imana hamwe n’Abarundi bose bagira uruhara kugira igihugu c’Uburundi came kirangwamwo amahoro, kuko ariyo nkingi y’iterambere.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.