IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > G-Bo yasohoye Video n’abandi baririmvyi bakuriye inkofero

G-Bo yasohoye Video n’abandi baririmvyi bakuriye inkofero

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

"Overdose", ni ururirimbo rumwe muri cumi na zitanu zigize urukurikirane "4G", video yarwo yaraye yerekanywe ku mugaragaro. Mu kibanza c’inama ca Hotel Club du Lac Tanganyika, iruhande ya G-Bo (yakoze ururirimbo) hari kandi na Fiston yaserukiye uruganda Di Moda Fashions. Uwo wa nyuma yashikirije ko Di Moda Fashions imaze gushinga imizi mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ariko yashitse no mu Burundi mu gukorana na G-Bo.

JPEG - 610.5 ko
Umuririmvyi G-Bo

Muri Video y’ururirimbo "Overdose" habonekamwo abigeme bagira "Défilé" bambaye impuzu zanditseko "Di Moda Fashions", eka na G-Bo araboneka yambaye nk’uko, mu kwerekana ko yakozwe ku bufasha bw’urwo ruganda. Ikindi kiboneka n’abandi nka Happy Famba bashingiye intahe iyo video yatwaye amahera menshi.

JPEG - 595.5 ko
Umuririmvyi G-Bo

Tubamenyeshe ko G-Bo agiye gushira ahabona urukurikirane rwa mbere yise "4G" rugizwe n’indirimbo icumi na zitanu harimwo nka "My future, Ntawundi nshaka, ntelefona, complike, Stamina" n’izindi. Urwo rukurikirane ategekanya kuzorushira ahabona muri Kigarama uno mwaka.

JPEG - 573.2 ko
Cherif NKESHIMANA, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE ariko abaza umuririmvyi G-Bo
JPEG - 64 ko
Big Farious na Natacha Ngendabanka bari mubari bagiye gushigikira umuririmvyi G-Bo
JPEG - 615.3 ko
Big Farious akeza umuririmvyi G-Bo

Umviriza wongere urabe video y’ururirimbo "Overdose" rwa G-Bo


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • C’est bon pour le tourisme et pour la culture citadine. En ce qui nous concerne nous cultivateurs paysans, le Burundi n’est pas ce que nous sommes en train d’apprendre àtravers cette musique. Il en faudrait plus.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.