Gaga Blue ntasangiye ivyiyumviro na bamwe mu baririmvyi b’Abarundi

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 4 Nyakanga 2017 saa 01:09
Yasomwe : 2421
0 0

Umuririmvyi Gaga Blue ntahuje ivyiyumviro na bamwe mu baririmvyi b’Abarundi. Akazi ko kuririmba no gutungwa n’uwo muziki nyene biva ku muririmvyi ubwiwe. Gaga Blue avuga ko yasize aciye inzira muri Tanzaniya ku bandi baririmvyi.

Yururutse indege avuye mu gihugu Tanzaniya, umuririmvyi w’umurundi Gaga Blue yatanguye ashimira abamenyeshamakuru ku kazi keza bakorera abaririmvyi.

Gaga Blue ati:" Hagati y’umuririmvyi n’umumenyeshamakuru uwutangura akazi n’umuririmvyi, umumenyeshamakuru nawe akamwunganira." Gaga Blue amenyesha ko mu mezi atanu yamaze muri Tanzaniya yahigiye vyinshi.

Muri ivyo harimwo kwidandaza; ivyo yabikoze mu kugirana amasezerano n’abayobozi b’urubuga rwa YouTube aho indirimbo ziwe zigiye kuzohora zigurishwa. Avuga ko kugira ururirimbo rurabwe canke rwumvirizwe na benshi kuri YouTube rurinda kuba rwakozwe ku buhinga bwo ku rwego mpuzamakungu,ivyo bikaba biri no mu mvo zatumye Gaga Blue akorana n’abahinyanyuzi karuhariwe bo muri Tanzaniya.

Si ivyo gusa, Gaga Blue abona ko akanyoni katagurutse katamenya iyo bweze, kuko umuririmvyi w’umurundi agumye mu Burundi yokwibaza ko ata handi bakora neza nk’i Burundi.

Gaga Blue ati:" Mu mwanya mutoyi namazeyo narabonye ko muri Tanzaniya bankunze cane nk’umurundi, kuko naratumiwe cane mu mboneshakure zikomakomeye zo muri Tanzaniya, naranditswe mu binyamakuru, naratanze n’ibiganiro ku nsamirizi zitandukanye".

Ku bw’ivyo, Gaga Blue amenyesha ko yaciriye inzira abandi baririmvyi b’Abarundi bipfuza kuduza ibikorwa vyabo.

Gaga Bluw yavuye muri Tanzaniya azananye n’uwugiye kumufata mu mugongo(manager), azwi kw’izina rya Jay Cena.

Uwo nawe ati:" gufasha umuririmvyi si kumuha amahera canke kumutegurira ibiteramo, ahubwo ni kumufasha no mu vyiyumviro, kuko benshi barafita ivyiyumviro bakabura ingene babishira mu ngiro".

JPEG - 86 ko
Gaga Blue aramukanya na Bruno SIMBAVIMBERE atwara ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi

Tubibutse ko bimwe mu bikorwa Gaga Blue yakoreye muri Tanzaniya harimwo "vidéo" y’ururirimbo rwakuzwe cane yise " Ivo Ivo".


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha