IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Indirimbo ’’Despacito’’ mu kibanza ca mbere mu zarabwe incuro nyinshi kuri (...)

Indirimbo ’’Despacito’’ mu kibanza ca mbere mu zarabwe incuro nyinshi kuri YouTube

mardi 8 Myandagaro 2017

Indirimbo "Despacito" yatwaye ico kibanza indirimbo "See You Again" yaririmbwe na Charlie Puth ari kumwe na Wiz Khalifa mu guha icubahiro no kwibuka umukinyi w’amareresi filime Paul Walker.

YouTube yamenyesheje iyi nkuru kuwa gatanu igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017, ko indirimbo ‘’Despacito’’ ibaye iya mbere muri kahise ka YouTube irabwe n’abantu benshi kuko imaze kurabwa incuro 3,075,291,455.

Igitigiri c’abantu baravye indirimbo ‘’Despacito’’ batuma iba iya mbere, baharuwe hatarimwo abaravye iyasubiwemwo na Justin Bieber,kuko yoyo imaze kurabwa n’abantu incuro imiriyoni 464 mu mezi yababa ane aheze igiye ahabona.

Luis Fonsi yaririmvye indirimbo "Despacito" yanditse kuri Instagram avuga ati : "Ni ivy’icubahiro, amashusho yarabwe cane kurusha ayandi muri kahise kandi akaba aya mbere arabwe incuro imiliyaridi zitanu. Mwarakoze mwebwe mwese mwabigizemwo uruhara, namwe bakunzi mwayishimiye."

Hari haheze imyaka irenga itanu PSY yakoze indirimbo yitwa Gangnam Style ariyo iza mu kibanza ca mbere irabwe incuro zirenga umuriyaridi kuri YouTube kuva ishizweho mu mwaka wa 2005.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.