Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Inyuma yo gusohora "Twubahirize" menya umuririmvyikazi "Pamy (...)
Inyuma yo gusohora "Twubahirize" menya umuririmvyikazi "Pamy Queen"
lundi 21 Myandagaro 2017, par
Mu ruririmbo "Twubahirize", Pamy Queen na Beblyna biyamiriza abahungu bambika iceyi abakobwa babonye ubwa mbere. Abo bigeme baririmba bati : "Nari mvuye kw’ishure mpura n’abasore batatu, umwe ati urya musto jewe ndamukunda, nkunda ingendo n’inyifato yiwe. Uwundi ati gezaho gezaho urya ni indaya igisibije, uwundi ati urya jewe narahejeje...". Pamy ati : "Ni kuki mudutesha agaciro abakobwa tukabura iryo teka".
Yitwa Fanny Pamela Uwimana akaba aririmba kw’izina rya Pamy Queen. Avuga ko yatanguye kwinjira muri "studio" gukora ururirimbo mu mwaka w’2014, aho yaririmbana n’abasore b’i Ngozi ururirimbo "Urukundo" ku muhinyanyuzi Endo Mike.

Inyuma ya "Twubahirize", Pamy Queen amaze gusohora indirimbo 5. Muri izo harimwo zibiri yakoze wenyene. Muri izo hari urwo yakoranye na "Master Q", umuririmvyi wo mu Rutana ataramenyekana cane, uwundi bakoranye ururirimbo "Naratwawe". Pamy Queen yarasubiyemwo n’ururirimbo "signorita.
Muri izo zose, Pamy Queen avuga ko ururirimbo"Nduzuye" rwakunzwe cane runamutuma atangura gutera intambwe mu muziki ndundi. Urwo ruririmbo nyene, yahavuye anarukorera isanamu. Amenyesha kandi ko ivyo bikorwa bike kandi haheze imyaka nk’iyo vyatumwe n’uko yafatirwa n’ivyigwa.

Pamy Queen amenyesha ko ata biteramo vyinshi arabonekamwo, kiretse mu giteramo "One People" yashoboye kuronka akaryo ko kuja imbere y’abantu.
Umviriza aha munsi ururirimbo rushasha "Twubahirize"
Cherif NKESHIMANA