Isango ryo gushira ahabona urukurikirane "Umwanya" rwa Yves KAMIKIWE ryamenyekanye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 août 2017 saa 08:17
Yasomwe : 1098
0 0

Inyuma y’igihe kitari gito yitegura,umuririmvyi Yves KAMIKIWE batazira Samandari amenyesha ko ata gisivya urukurikirane rushasha yise umwanya rugiye kuja ahabona mu minsi mike cane.

Abifashijwemwo n’ishuri ry’umuziki riri mu ntara ya Gitega, Institut de Musicologie de Gitega, Yves KAMIKIWE amenyesha ko kw’igenekerezo rya 19 Myandagaro ari rya sango ryari ririndiranywe igishika.

Kuri uwo munsi, umuririmvyi Yves KAMIKIWE amenyesha ko azofundurura agaseke kari kamaze iminsi kugaye, kugira abakunzi b’umuziki uvugije mu mudiho w’ikirundi banezeranwe nawe.

Ibikorwa vyo gushira ahabona urukurikirane rushasha yise Umwanya bizobera mu nyubakwa American Corner mu gisagara ca Gitega, igihe c’isaha icumi z’umugoroba.

Urukurikirane rw’indirimbo Umwanya rw’umuririmvyi Yves KAMIKIWE rugizwe n’indirimbo 8 zose zivugijwe mu mudiho w’ikirundi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha