Jean Marie AHISHAKIYE :’’Ubutumwa buciye mu ndirimbo bufasha benshi’’

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 juillet 2017 saa 03:17
Yasomwe : 3429
4 0

Inyuma y’indirimbo zitatu yakoreye mu gihugu c’Ubuganda,Umuririmvyi w’umurundi Jean Marie AHISHAKIYE asanzwe aba mu gihugu ca Australiya amenyesha ko muri kazoza yipfuza gufasha cane mu bijanye no guteza imbere umuziki w’Uburundi hamwe n’abaririmvyi b’abarundi.

Izo ndirimbo ziboneka uno munsi no ku buhinga ngurukanabumenyi bwa youtube, ni urandamukiriza abiwacu, Poritike, na Twisubireko, zose yazikoreye mu gihugu c’Ubuganda.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha ko yahisemwo kuririmba kuko ubutumwa buciye mu ndirimbo bufasha abantu benshi, kandi abatari bake bakaba bakunda kwumviriza indirimbo, kandi nawe akaba ari mu bafashwa n’ubutumwa buciye mu ndirimbo.

Jean Marie AHISHAKIYE ati :« Kenshi iyo abantu bumvise indirimbo bakunda, n’amajambo barayakurikirana ugasanga arafashije. »

JPEG - 60.6 ko
Jean Marie AHISHAKIYE,umuririmvyi aba mu gihugu ca Australia

Jean Marie AHISHAKIYE yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko mu ndirimbo ziwe, asanzwe atanga ahanini impanuro ku rwaruka, kuko muri bino bihe usanga arirwo rusamazwa na vyinshi.

Mu migambi yiwe ya kazoza, umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE arashikiriza ico yipfuza gushikako.

Ati : « Muri kazoza ngomba ko nzoba mfise umurwi w’abaririmvyi ukomeye, uririmba indirimbo zihayagiza igihugu cacu, zitanga n’impanuro kuri bose. »

Umuririmvyi Jean Marie AHISHAKIYE amenyesha kandi ko ategura kugira ibiteramo mu ntara zitatu z’Uburundi arizo : Bujumbura, Gitega na Ngozi.

Jean Marie AHISHAKIYE yavukiye mu ntara ya Gitega, amaze imyaka 9 aba mu gihugu ca Australiya.

Kurikira indirimbo zitatu za Jean Marie AHISHAKIYE aha munsi :


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha