IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kebby Boy yafashe indege aja kurangiza igikorwa yatanguje

Kebby Boy yafashe indege aja kurangiza igikorwa yatanguje

mercredi 16 Myandagaro 2017

Ku munsi w’ejo haheze kw’igenekerezo rya 15 Myandagaro niho Kebby Boy yafata indege imushikana i Kampala mu Buganda. Muri urwo rugendo, Kebby Boy agiye guhura n’umurwi Voltage Music.

Kebby avuga ko agiye gukora video y’uririmbo "Onyirira" yakoranye n’uwo murwi. Bivugwa ko Kebby yajanye n’abamufatira amasanamu.

Umuhinyanyuzi azwi kw’izina rya Vad akorera muri Soundprints Records niwe yari yakoze amajwi y’uririmbo "Onyirira".

Naho biri uko, umuhinyanyuzi azokora amasanamu "Video" ntaramenyekana. Mu makuru ya mbere ajanye n’ikorwa ry’isanamu y’urwo rurimbo, Kebby Boy ntiyashimye kuvuga izina ry’umuhinyanyuzi azokora video y’urwo ruririmbo, ariko avuga ko amwizeye.

Tubibutse ko ata minsi myinshi yari ihaciye Kebby Boy na Voltge music basohoye amajwi ya "Onyirira".

Ururirimbo "Onyirira"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.