IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidum aravuga ico yakoresheje amafaranga ya mbere yakuye mu (...)

Kidum aravuga ico yakoresheje amafaranga ya mbere yakuye mu muziki

vendredi 13 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku rubuga rwa facebook, Nimbona Jean Pierre azwi kw’izina rya Kidum, yanditse ko yatanguye kuronka ikiraka co kuvugiriza imbere y’isinzi ry’abantu mu mwaka w’igihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo icenda na rimwe (1991). Ico kiraka yahawe n’umuhisi Ntahombaye Leonard nico cavuyemwo igitenge ca mbere yaguriye umuvyeyi wiwe. Ico gihe, Kidum yari muri "Orchestre Imvumero" yo mu Kinama.

Kidum aribuka uwo munsi ingene vyagenze : "Ndibuka muri 1991 ku ngoro y’umugambwe UPRONA mu ntara ya Ngozi ku murwa mukuru, yarigeze guha ikiraka orchestre yitwa Imvumero yo mu Kinama, ikaba ariyo orchestre na jewe narimwo nkumu batteur, ngifise imyaka 17. Ico nico cari ikiraka n’amahera ya mbere naronse mu miziki. Kubera nari naduze ruguru ntasavye uruhusha mutama wanje. Kugutinya akamwafumwafu ka mutama, amahera bampemvye ico gihe naciye ngurira igitenge ca cotebu mama kugirango amvugire kuri mutama ."

PNG - 731.2 ko
Jean Pierre NIMBONA batazira Kidumu

Kidum akaba ariko akenguruka ubutwari bw’inararibonye mu muziki w’Uburundi NTAHOMBAYE Leonard, azwi cane mu ruririmbo "Astrida" canke "Ntarirenga ricaka,...". Kidum yemeza ko urwo ruririmbo ruzokwama ari nkoramutima mu ndirimbo z’Uburundi.

Tubamenyeshe ko aya makuru ava kuvy’umuririmvyi Cedric Bangy yanditse ku rubuga rwiwe wa Facebook, aho amaze iminsi avuga muri make bamwe mu mboneza zaranze zikanandikisha amateka y’umuziki w’Uburundi mu makungu.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.