IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidumu yikeka ko yahawe ishano mu rugendo arimwo mu Burundi

Kidumu yikeka ko yahawe ishano mu rugendo arimwo mu Burundi

mardi 27 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muri ayo makenga yiwe, Kidumu asanzwe ari mu rugendo mu Burundi amenyesha ko uwobo ariko arashaka kumugandagura yomenya ko yoba yishe inzirakarengane, kuko ku bwiwe, inyuma y’urwanko yoba afitiwe, yiyemerera ko atwikiriwe n’amaraso y’umukiza Yezu kandi ko naho yopfa, abansi biwe ata ntsinzi boharonkera kuko ngo ba Kidumu barenga 1000, bazoca babandanya igikorwa ciwe.

Uko kwikeka uburozi kwa Kidumu kugaragara mu gihe abegereye uwo muririmvyi bavuga ko umuganga yamwakiriye we abona ko ukuremba kwiwe kwoba kwavuye ku mfungurwa yoba yari yafunguye (Intoxication alimentaire).

Ayo makuru abandanya avuga ko muri iryo joro ryo kuri uwu wa mbere nyene, abegereye umuririmvyi Kidumu boba barashatse ko yokwungururizwa mu bitaro vy’i Nairobi igisagara asanzwe abamwo, ariko bikaba bitakunze kuko yari akimeze nk’uwuremvye.

Jean Pierre NIMBONA "Kidumu’ akitswe n’amagara mu gihe kuri uwu w’Imana yari yaremesheje igiteramo kuri Kaminuza y’Uburundi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

  • Je ico nomenyesh novuga ko uwo muntu yoba ark ashak kutugandagurira igihangange cacu ko yoronderwa agashigwa ahabona agahabwa igihano hama no muremesha mvuga nti yihangane kuk abantu sib mana kand ntakiba kumwana wumunt imana itakiz nakomeze kwihangan mungu yupo murakoze

  • Niyihangan azokira ntarib imana iramubona

  • polee saana mutama.vyukuri uwutwikiriw namaraso ya yesu ntaco yaba.kand ntabwo umunt abayeho kugihamana ariko kumugamb wimana.nuko amatohoza natangure gutyo umubisha akubitw intah mugahanga.mrci

  • KIDUMU NDAMUKUNDA CYANE BIRENZE UBURWAYI BWIWE BUTUMYE, MBABARA.IMANA, ISHOBORA BYOSE YEREKE.ABO BAGIZI BANABI KO NTABUBASHA BAFITE KUBUZIMA, BWA KIDUMU MWIFURIJE GUKIRA VUBA IMANA IMURINDE *

  • Nanone muraje muvuge ngo ni u rwanda rwamuhaye ishano mbega burundi bacu uragowe

  • Wewe wiyita Gahungu nkubwo u Rwanda urwiyumviriye gute?ubona mu Burundi ari Kidumu wambere ahawe isumu?muri 2015 uzi abantu bazize isumu nanubu bakiriko?ivyacu Abarundi vyajemwo Shetani yaco uzana igihugu gikomeye muri vyose nk’u Rwanda muruyu mwanda wo ngaha mu Burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.