Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Kidum yerekanye ko gushwana na Frankie Jo ari ibere ryayaze
Kidum yerekanye ko gushwana na Frankie Jo ari ibere ryayaze
lundi 6 Ndamukiza 2015
Inyuma yo guterana amajambo hagati y’abaririmvyi Kidum na Frankie Joe bapfa amahera y’igiteramo, hama bakandikirane ama "sms’ bavuga ko batoteranywa n’amahera, Kidum yahinduye"photo de profil".

Kidum abandanya yerekana ko ivyabaye hagati ya we na Frankie ari nk’ibere ryayaze, inyuma yo kwandikirana ama "sms", ubu naho yahinduye ""photo de profil". Aboneka rero ari kumwe na Frankie Jo, bose batwenga. Abatari bake batanze ivyiyumviro vy’abo, bamwe bati:" Kidumu ni akarorero keza ariko yereka urwaruka n’urunganwe rushasha. Tuzokwama tukwibuka kandi tuvuga ko uri umuntu yagize ico amara mu gihe ciwe, nawe Frankie hagara nk’umugabo, wereke icubahiro kuri mukuru wacu".
Hari n’uwanditse ati:" Nizere ko yamurishe", uwundi ati:"Ego pe uranyemeje na kare ishavu ry’umutama riririrwa ntirirara, ariko Frank ntace yijajara kandi ari mu makosa"
Tubibutse ko Kidum na Frankie Jo bari bapfuye amahera angana amadorari 2000(2000$) yari yasigaye kuyo Kidum yari guhembwa inyuma y’igiteramo ca Big Brothers Africa cari categuwe na Frankie Jo.
- Frankie Jo na Kidum bariko baharira ku mahera ya Kidum yarasigaye
Cherif Nkeshimana
Messages
6 Ndamukiza 2015, 15:25, par bogari
bose ni ba ruparu!! umenga baravukana!
6 Ndamukiza 2015, 16:10, par rukara
KO MUFISE URUHARA MWESE MRAPFIKI?
6 Ndamukiza 2015, 21:11, par rwambarangwe
Batutoleye makelele wanajuwana abo bapanuka tumbo .bana kumamayoo biroyro bitupu nabacukioya aje.......
6 Ndamukiza 2015, 21:27, par MANISHIMWE Fabrice
Reka nshimire Kidumu nongera ndamusaba ko yoza akumvikanisha Lolilo na Fizzo kuko n’abaririmvyi bari hamwe bokora ibikomeye mumuziki w’iburundi bakawutez imbere. Ni bibuke kera muri za 2003-04 bari kumwe ingene vyari bihimbaye.
7 Ndamukiza 2015, 10:42, par Alphonse
Ariko rero kidum naho bateranye amajambo ntazigo afise nakaciyemwo
7 Ndamukiza 2015, 14:45, par ferdinand
kuba bumvikanye ni vyiza cane nakare ntazibana zidakomana amahembe.
10 Ndamukiza 2015, 14:14, par Chadrack
Mamawe none umuntu akoze araha bwa ibihembo nibabyumvikane