IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Ukuri ku mpari zabaye hagati ya Kidum na Frankie Joe kugiye kuja (...)

Ukuri ku mpari zabaye hagati ya Kidum na Frankie Joe kugiye kuja ahabona

mardi 12 Rusama 2015

Kidum agiye gusohora ururirimbo rurimwo ukuri kwose kw’ivyabaye hagati yiwe na Franckie Jo. Uwo muririmvyi aremeza ko akoresha cane indimi mvamakungu zikoreshwa mu Burundi.

Kidum yandika avuga ko hagiye gusohoka vuba cane ururirimbo ruzoshira ahabona ukuri kwose kw’ivyabaye hagati yiwe na Franckie Joe. Yandika ati:"Vuba cane hazosohoka ururirimbo ruzovuga ukuri kwose kwinyegeje mu mpari zabaye hagati ya jewe na mutoyi wanje Frankie Joe. Udufaranga dukeyi dushobora gutera ingorane hagati y’abavukanyi n’abagenzi".

Ayo majambo Kidum yayanditse mu ruririmi rw’igifaransa hanyuma bitangaza abatari bake bahora bibaza ko yoba akoresha cane Icongereza. Abamubajije ko yoba avuga igifaransa,yabishuye ati:" Nategerezwa kwiga icongereza kubera Igifaransa kitavugwa mu gihugu mbamwo". Kidum rero yoba akoresha ururirimi rw’Igifaransa kuko ari rwo rukoreshwa mu Burundi (igihugu c’amavukiro yiwe).

Tubibutse ko impari hagati ya Kidum na Frankie Jo zavuzwe cane mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante n’intango za Ndamukiza. Abo bagabo bapfuye amahera yo mu giteramo cabereye mu Rwanda aho habaye n’imanza. Ariko rero uko izo mpari zagiye zihera inguvu kuko abo baririmvyi bose bagiye bashira imbere kwumvikana gusumba amahera bapfa.

Raba umunezero Kidum na Frankie Joe barimwo igihe bariko bategura ku gitari ururirimbo "KIPENDA ROHO".


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.