IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kook-k > Inkuru > Kook-k n’abandi baririmvyi bagiye gusohora ireresi

Kook-k n’abandi baririmvyi bagiye gusohora ireresi

lundi 10 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Kook-k aremeza ko kuririmba ata mwanya munini akibiha. Avuga ko igikorwa co gutegura ireresi kitoroshe kuko gisaba umwanya munini. Igikorwa c’ireresi ya mbere ariko ayikorana n’aba Kenya hamwe naba Tanzaniya. Iyo bayise "Siri kali". Iyo nyene iriko irandikwa, uwo mukinyi w’amareresi avuga ko igeze ku gice ca gatandatu (Saison6), ikaba kandi iri ku rugero rw’amareresi maremare (Long métrage). Iyo reresi iriko ishirwa mu ndimi 3: igiswahili, igifaransa n’icongereza. Igikorwa co gukina kizotangurana n’umwaka uza.

JPEG - 31.4 ko
Kook-k, umuririmvyi akaba n’umukinyi w’amareresi

Si iyo gusa, Kook-k ari kumwe na bamwe mu baririmvyi b’Abarundi bariko bategura ireresi ariko bataratorera izina. Amazina ya Big Fizzo, Ellyz Boy, Roméo nibo bamaze kumenyekana ko bazoboneka muri iyo reresi.

Tubibutse ko atari ubwa mbere Kook-k ategura akongera agasohora amareresi. Mu mwaka w’i 2006, yasohoye ireresi yise SUZANNE.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.