IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kook-k > Inkuru > Kook na Thity Love bibarutse umwana azanye bishasha

Kook na Thity Love bibarutse umwana azanye bishasha

lundi 6 Gitugutu 2014

Urugo rw’abaririmvyi Kook-K na Thity Love rwavutsemwo ikibondo, imfura y’umukobwa ije nk’icamwa c’urukundo hagati yabo. Uwo mwana azanye bishasha bitari bimenyerewe.

JPEG - 80.7 ko
Kook ateruye imfura yiwe

Inyuma y’imyaka itatu bubakanye, MPAWENIMANA Juma Habib azwi kw’izina ry’ubuhizi Kook- k n’umutambukanyi wiwe Nahishakiye Thierryve nawe azwi kw’izina rya Thity Love bahejeje kuronka ikibondo.

Kook-k ati :" Nipfuza ko umwana wanje Imana yomucisha mu nzira naciyemwo zose, ntibagiye ko yoba cane cane umuririmvyi. Vuba cane jewe n’umukenyezi wanje tuzomuririmbira".

Umwana wa Kook-k azanye bishasha, ivyo si ibindi, bimenyerewe ko izina ry’umwana ritorwa na se wiwe agiheza kuvuka. Mu gitabo c’amategeko agenga ingo n’imiryango naho handitswe ko umwana atarenza iminsi 15 ata zina arahabwa. Kook-k wewe s’uko yabigize, yashimye ko abakunzi b’urugo rw’abo bomufasha gutorera izina imfura yiwe y’umukobwa. Nk’uko abivuga, mu mazina menshi yiteze guhabwa azokuramwo atatu azoca ateranya. Uwipfuza kumufasha gutora izina ry’ikibondo yokwandika mu kibanza cagene ivyiyumviro vy’abasomyi bacu.

JPEG - 53.7 ko
Thity Love acibungenze

Mwomenya ko Thity Love yashitse kwa muganga isaha icenda z’ijoro yibaruka isaha zibiri z’igitondo kuri iri genekerezo rya 06 Nyakanga 2014 mu bitaro vya "ABUBEF".


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.