IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Leonard Niyomwungere yavuguruje Cedric Bangy ku kibazo ca Meddy

Leonard Niyomwungere yavuguruje Cedric Bangy ku kibazo ca Meddy

dimanche 10 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Leonard Niyomwungere, umuririmvyi w’umurundi aririmbira muri Canada, ntabona kumwe na Cedrick Bangy ku kibazo ca Meddy. Mu gihe Cedrick Bangy asanzwe arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi bishinze impinduka (Union des Artistes pour le Changement) yanditse ko Meddy ashobora kwitwarirwa kubera yacishije amahera n’amateka uririmbo ry’umuhisi Canco Amissi, Leonard wewe siko abibona.

Leonard ati : "Numvise ko hari abashaka gukurikirana umuririmvyi Meddy mu butungane kubera ngo yasubiyemwo ururirimbo rwa Canco Amisi mu giteramo. Muturangire uwo mu Juge wa droit d’auteur muri Région des Grands Lacs adukurikiranire ama Radios n’ama TV yose bivuza indirimbo zacu tutayahaye uruhusa, emwe n’umuryango wa Canco nawo ubonereho na Meddy nyene ahabwe agashumbusho kuko indirimbo ziwe ziravuzwa cane ataruhusha yatanze. Mugabo aho mpereye muri Amerika mpora mbona mu ma festivals akomeye abasubiramwo Bob Marley kuva ku ntango gushika guheza ariko ntihagire uwubakoma."

JPEG - 87.1 ko
Leonard Niyomwungere, umuririmvyi w’umurundi aririmbira muri Canada

Tubibutse ko Meddy ariko yagirizwa kuririmba mu giteramo yaremesheje muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ururirimbo "Ntacica nk’irungu" ry’umuhisi Canco Amissi.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • Mu minsi ishize mu Rwanda habaye Gala Dinner yo kwita ingagi amazina, umuhanzi ukomeye cyane The Ben asubiramo indirimbo nk’eshatu z’abandi bahanzi, zirimwo Ingendo y’abeza y’ikinyarwanda n’izindi ebyiri z’icyongereza zamamaye kw’Isi hose z’abanyamahanga Stevie Wonder na Percy Sledge, none ko banyirazo n’imiryango yabo batajyanye The Ben mu nkiko? Abashaka kujyana Meddy mu nkiko barata umwanya w’ubusa. Kandi igitangaje muri byose, nuko iyo Canco aza kuba akiriho niwe warigufata iya mbere ashimira umu jeune nka Meddy wibuka guhesha agaciro indirimbo z’abahanzi ba kera imbere y’ibihumbi n’ibihumbagiza by’abafana.

  • Mahoro mwese.Ndi umurundi wumuririnvyi wa Gospel aba CANADA.Ndibazako gusubiramwo indirimbo atakosa yakoze.Hano tubaye mumahanga nama mbona basubiramwo izabaririnvyi bibihangange atangorane.Kuruhande rwanje ntakosa mbonamwo.Muhezagirwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.