Masterland arafise inyota yo gushingira intahe urukundo rw’Imana

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 15 janvier 2018 saa 05:28
7320
0 0

Masterland, umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi w’indirimbo ndundi, amenyesha ko afise inyota yo kuguma azirikana akongera agashinga intahe k’urukundo rw’Imana.

Masterland akaba yamaze ikiringo c’indwi yose ari mu mwiherero (retraite), muri Komine ya Matana,mu ndwi irangiza umwaka wa 2017.

Umuririmvyi Masterland yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko umugenzo wo gusenga yawutanguye kera akiri muto, mugabo akabikorana k’ibwirizwa ry’abavyeyi canke nk’umugenzo.

Masterland ati :« Maze gukura, naratahuye ko ndi umuntu kubera ubushobozi bw’Imana, ariyo inzigamye kugera aho ngeze.Naratahuye ko mu mwanya nkigiriwe Ubuntu bwo kubaho,nshaka kurondera imfungurwa z’umutima, ariryo jambo ry’Uhoraho. »

Arongera akavuga ati :« Imana sitwe tuyirondera gusa, nayo iraturondera, gusa kenshi ntitwiyumvira canke ntituyitabe. »

Ku bijanye n’akazi kiwe ka minsi yose, Masterland avuga ko akora umuziki nk’akazi kiwe, ariko kamubeshejeho, ati ariko muvyo akora, nta kimubuza ko agaragara nk’umukirisu muko akora, uko avyifatamwo mu kazi no mu mibereho ya minsi yose.

Mu rukurikirane ariko arakora, Masterland avuga ko harimwo indirimbo zihayagiza Imana, n’izindi zirimwo ubutumwa butandukanye bushingiye ku rukundo mu kibano.


Kumenyekanisha

1
ntirampeba jackson 3-03-2018 à 11:29

ndakunda uburundi nabarund

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha