IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Masterland yagize Tombola kuwotora izina ry’umutwe w’ururirimbo

Masterland yagize Tombola kuwotora izina ry’umutwe w’ururirimbo

mercredi 6 Nyakanga 2017, par Jean de Dieu M.

Ku rubuga rwiwe rwa facebook, Masterland yatanze Tombola. Iyo nayo ihagaze kw’izina ry’umutwe w’ururirimbo agiye kuzoshira ahabona. Yandika ko urwo ruririmbo n’isanamu yarwo rufise izina ry’umukobwa ritangurwa n’urudome "A". Abandanya yandika ko uwa mbere yotora izina ry’urwo ruririmbo azomuha ama "unite" y’ibihumbi bitanu (5000).

Urwo ruririmbo yagize nk’agaseke k’abakunzi biwe, ruzoja ahabona mu giteramo co kw’igenekerezo ry’icenda Nyakanga kuri One People mu Gasenyi.

Mu giteramo co gusozera uburuhuko ku banyeshure, azoba ari kumwe na Happy Famba, Frank G80, Chany Queen, Kolly the Magic na Black G, hamwe n’abandi.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.