IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Meddy wo mu Rwanda ashobora kwitwarirwa n’ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu (...)

Meddy wo mu Rwanda ashobora kwitwarirwa n’ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi

jeudi 7 Nyakanga 2017

Haraheze iminsi itatu Meddy wo mu Rwanda asubiyemwo ururirimbo rwaririmbwe n’umuhisi Canco Amissi wo mu Burundi. Inyuma yaho, isanamu yafashwe n’ikinyamakuru IGIHE yarazungurutse cane ku mbuga ngurukanabumenyi.

Mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi ryishinze ihinduka (Union des Artistes pour le Changement) ntibavyakiriye neza. Cedrick Bangy arirongoye aranegura ingendo ya Meddy yo gucisha amahera n’amateka ibikorwa mvabwenge vy’abandi.

Ku rubuga rwiwe rwa facebook, Cedrick Bangy yandika ko hamwe boronka uruhusha rutanzwe n’umuryango wa Canco Amissi bomwitwarira muri sentare y’Urwanda canke yo mu Burundi.

Arongera kandi akandika ati : "Ntitwanse ko musubiramwo indirimbo z’abakera mu kuziha agaciro zisanzwe zarihaye, ariko namwe bamubanza musabe uruhusha benezo canke batakiriho murusabe abasigwa babo bityo habe kwubahana no kwubariza ivy’abandi bahinga". Arongera ati : "Ishire mu kibanza c’umwana wa Canjo Amissi yaba ari muri ico giteramo akazabona uwuriko acisha amahera n’amateka indirimbo ya se?"

Tubibutse ko Meddy yasubiyemwo ururirimbo "Ntacica nk’irungu" rwa Canco Amissi. Tubibutse kandi ko ishirahamwe ry’abaririmvyi "UAC" ryaheruka kuja kuramutsa umuryango wa Canco Amissi.

Umviriza ingene Meddy yasubiyemwo "Ntacica nk’irungu" mu giteramo yagiriye mu Rwanda


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • Cedric ntazi ivyavuga yarataye umutwe. indirimbo z meddy twama twumvirije muma karaoke zingana iki? arabitwarira? nuko ndiko ndashira cedric mubaririmvyi iyaba ariwe ntaba ariko avuga ivyo. Ndamusabiye ikigorwe kuko ntanazi ivyavuga.

  • Cédric nareke kukavya. Ibitababaje patiri bibabaza abakorezi.

  • Cédric Bangui wewe uri umutinganyi,kura Meddy mu kanwa kawe,umutama nkawe wayobewe no kuririmba ukaja gushurashura nabo muhuje igitsina ivyo uvuga ni aya muhe,maramarira hiyo,toka kwa jina la Yesu

  • Burya kubona ibintu vyose mu mafaranga n’amakosa cane, Meddy yagize neza kuko yibukije abantu ko habayeho umuririmvyi ukomeye yitwa Canco, anerekana ko amwubaha mu kuririmba indirimbo yiwe (Il lui rendi hommage!!!), si uko yarabuze indirimbo aririmba. Rero Cedric ronderera ahandi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.